Myanmar: Amerika yatangaje ibihano ku batembagaje ubutegetsi

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yateye igikumu kw'itegeko bwirizwa rifatira ibihano abategetsi ba Myanmar (Birmanie) baherutse gutembagaza ubutegetsi.

Ibi bihano biraba cane cane abategetsi ba gisirikare, imiryango yabo hamwe n'amatungo yabo.

Hari kandi ingingo ziriko zirafatwa zo kubuza aba bategetsi ba gisirikare ko bagira uburenganzira ku mafaranga ya reta angana n'umuriyaridi w'amadorari y'abanyamerika asanzwe ari mu mabanki ya Amerika.

N'aho hari hafashwe ingingo zibuza abantu gukoranira hamwe n'umukwabu w'ijoro, abandi ibihumbi n'ibihumbi barihaye amabarabara biyamiriza itembagazwa rya reta ya Aung San Suu Kyi yari aherutse gutorwa ryabaye mu ndwi iheze.

Hari amakuru avuga ko hari benshi bamaze gukomerekera muri iyi myiyerekano mu gihe igiporisi gikoresha inguvu mu ntumbero yo kuyihagarika, ariko gushika ubu nta wurapfira muri yo.

Perezida Biden asaba iki?

Perezida Biden asaba ko abatembagaje ubutegetsi babusubiza kandi bakarekura abategetsi ba gisivire bapfunze harimwo umupfasoni Suu Kyi.

Ati: "Abanyagihugu ba Birmanie bariko bataka batakamba kandi amakungu arabibona". Avuga ko bibaye ngombwa azofata n'izindi ngingo.

Yongerako ati: "Mu gihe imyiyerekano ibandanya yiyongera, itotezwa ry'abariko baharanira uburenganzira bwabo bwa demokarasi ntirishobora kwihanganirwa kandi tugiye kubandanya turyiyamiriza".

Avuga ko muri iyi ndwi ubutegetsi bwiwe buzokwerekana igice ca mbere c'abo ibi bihano vyerekeye, n'aho bamwe mu bategetsi ba girisikare bamaze gushirwa ku rutonde kubera amabi bakoreye Abasilamu bo mu bwoko bw'aba Rohingya.

Ati: "Tugiye kandi gufata ingingo ku bidandazwa vyinjira muri ico gihugu. Twahagaritse amatungo ya reta ya Birmanie ari muri Amerika, ariko tubandanya dufata mu mugongo ibijanye n'amagara y'abantu, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n'ibindi bisata bifasha abanyagihugu mu buryo butaziguye".

Kuva ashikirijwe ubutegetsi mu kwezi guheze, nivyo bihano vya mbere bifashwe na Perezida Biden.

None ubu ibintu vyifashe gute muri Myanmar?

Igisirikare kiriko gikoresha inguvu kandi kibandanya gihagarika abantu mu gihe imyiyerekano ibandanya.

Abaherutse gufatwa ni abarongoye inzego za reta zo hasi hamwe n'abarongoye umurwi ujejwe gutegura amatora banse gushigikira ibivugwa n'igisirikare ko amatora yo mu kwa cumi na rimwe yatsinzwe n'umugambwe w'umupfasoni Suu Kyi yabayemwo ubusuma.

Imyiyerekano yaheruka yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare bumaze imyaka ibarirwa muri za mirongo yari iyo mu 1988 na 2007, yaguyemwo abatari bake mu bari muri yo bagandaguwe n'inzego z'umutekano.

N'imiburiburi abashika 3.000 bari muri yo barapfuye mu 1988 nayo abagera kuri 30 bakaba bishwe mu 2007. Ibihumbi n'ibihumbi barafunzwe muri iyo myiyerekano yompi.