Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia yirukanye abakora mu buserukizi bw'ibihugu vy'Ubulayi 'bagiye mu myiyerekano' ya Navalny
Uburusiya bwirukanye abakora mu biro vy'ubuserukizi bw'Ubudagi, Suwede na Polonye bagirizwa ko bifatanije n'abari mu myiyerekano yo gushigikira wa munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi Alexei Navalny, yapfunze mu ntango z'iyi ndwi.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya avuga ko aba batatu bagiye mu "myiyerekano iteye kubiri n'amategeko" ku wa 23 z'ukwa mbere.
Ibihugu vyabo biriyamiriza iyi ngingo, co kimwe n'Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya.
Navalny ni umukeba ruhebwa wa Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.
Iyi ngingo yo kwirukana aba bantu yagiye gutangazwa haciye amasaha makeya gusa umushikiranganji w'imigenderanire w'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, Josep Borrell, abonanye n'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavrov i Moscou.
Ku wa 23 na 31 z'ukwa mbere, abantu ibihumbi amajana n'amajana baragiye mu myiyerekano yo gushigikira Navalny mu gihugu cose. Abaharurwa mu bihumbi barahagaritswe.
Ubudagi buriyamiriza iyi ngingo bukavuga ko "ata nsiguro n'imwe ifise" kandi ko idashobora kwijana mu gihe Uburusiya butokwisubirako.
Suwede ivuga ko ibivugwa ko umuntu wabo yagiye muri iyo myiyerekano yo ku wa 23 z'ukwa mbere ata shingiro bifise kandi ko ifise uburenganzira bwo gusubiriza mu ndumane Uburusiya.
Polonye ivuga ko iyi ngingo yo kwirukana umuntu wayo ishobora gutuma "ibintu vyunyuka mu cuka kibi kiri hagati y'ibihugu vyompi".
Josep Borrell, kw'izina ry'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, avuga ko yiyamirije yivuye inyuma iyi ngingo kandi ko yiyamirije ivyo bagirizwa ko bakoze ibikorwa bitajanye n'amabanga yabo nk'abakora mu biro vy'ubuserukizi bw'ibihugu vyabo.
Hagati aho, umushikiranganji Lavrov avuga ko ibihano ivyo ari vyo vyose vyofatwa n'Ubulayi ku kibazo ca Navalny vyoba biteye kubiri n'amategeko.
Ubudagi na Polonye, bivuga ko vyatumyeko abaserukira Uburusiya muri ibi bihugu vyompi kugira vyerekane impungenge zavyo kuri iyi ngingo yo kwirukana abantu bavyo - ingingo ishobora gutuma haba ukwihora mbere n'abandi bategetsi bo mu biro vy'ubuserukiri bakirukanwa.
Mu kwezi kw'umunani kw'umwaka uheze, Alexei Navalny, umunyapolitike w'imyaka 44 anegura bikomeye ubutegetsi bwa Putin, yarahawe isumu yahatswe kumutwara agatwe, biba ngombwa ko ajanwa kuvurirwa i Berlin mu Budagi.
Yagarutse mu mpera z'ukwezi kwa mbere guheze, n'aho yari yagabishijwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya ko ashobora guca ahagarikwa.
Yaciriwe gupfungwa imyaka itatu n'igice ku birego vy'uko yarenze ku mategeko ajanye no gupfungwa ic'amaso kubera ivyo yagirizwa vya magendo mu 2014.
Navalny yagiriza Perezida Putin kurongora ubutegetsi bwamunzwe n'igiturire kandi ko yateguye igitero c'isumu camukozweko kigahakwa kumwica.
Haciye akanya gato gusa ashitse mu Burusiya, Navalny yaciye asohora ireresi ku rubuga rwa Youtube yerekana ingoro yubatswe ku kiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea) avuga ko ari iyo umutunzi ruhebwa w'Umurusiya yagabiye umukuru w'igihugu. Abantu barenga imiliyoni 100 bararavye iyo reresi.
Perezida Putin arahakana ko iyi ngoro atari rwiwe. Mu ndwi iheze, umurwizatunga ruhebwa, Arkady Rotenberg yegereye cane Putin, yavuze ko iyi nyubakwa ari rwiwe, ko haciye imyaka ibiri ayiguze.
Navalny yiteze gusubira muri sentare ku wa 12 z'uku kwa kabiri yagirizwa gutyoza abakukuruke babiri barwanye intambara ya kabiri y'isi yose.