Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia: abarenga 3000 bahagaritswe mu myiyerekano yo gushigikira Navalny yabaye mu gihugu cose
Igiporisi c'Uburusiya cahagaritse abantu barenga 3000 mu gihe bariko bararwanya imyiyerekano yo gushigikira wa munyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi, Alexei Navalny, nk'uko bivugwa n'abagenzuzi.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi birengagije igiporisi cari cameze magabo maze biha amabarabara mu myiyerekano minini itari iherutse yo kwiyamiriza Perezida Vladimir Putin.
Ku mugwa mukuru Moscou, igiporisi kijejwe gutuza imigumuko cerekanywe kiriko kirakubita kinaburuta abari mu myiyerekano.
Navalny, umunyaporitike anegura cane Perezida Putin, yarahamagariye imyiyerekano amaze guhagarikwa ku wa Mungu uheze.
Yahagaritswe atahutse i Moscou avuye i Berlin mu Budagi aho yari amaze igihe kirekire avurirwa inyuma y'aho aherewe isumu mu Burusiya mu kwezi kw'umunani umwaka uheze.
Ubwo nyene acururuka, yaciye ajanwa mu gasho yagirizwa ko yarenze amategeko ajanye no kurekurwa vy'agategano. Avuga ko ari irementanya kugira ngo bamuzivye.
OVD Info, ishirahamwe ryigenga rikurikiranira hafi ibijanye n'imyiyerekano, rivuga ko abantu hafi 3100 ari bo bahagaritswe, abarenga 1200 bakaba bahagaritswe i Moscou. Ibiro vy'umukuru w'igihugu, Kremlin, ntaco biratangaza.
Umwe mu bari mu myiyerekano: 'Ndarambiwe n'ukwama ndi mu bwoba'
Iyi myiyerekano itari yemewe yabaye mu bisagara hafi 100 mu Burusiya bwose, kuva mu buseruko na Siberia gushika i Moscou na St Petersburg.
Abari muri yo ni kuva ku banyeshure bakiri bato gushika ku batama basaba ko Navalny arekurwa.
Abashika 40.000 bagiye muri iyo myiyerekano hagati muri Moscou, ibiharuro bigereranywa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters. Ariko umushikiranganji w'intwaro yo hagati avuga ko ari 4000 gusa.
Abihweza ibintu n'ibindi, bavuga ko igitigiri c'abitavye iyi myiyerekano mu gihugu cose kitari bwabeho, nayo iyabereye ku mugwa mukuru ikaba ari yo minini cane mu kiringo c'imyaka hafi icumi.
Mu kibanza citiriwe Pushkin ku mugwa mukuru, abari mu myiyerekano baririmba bati "Rekura Navalny" hamwe na "Putin, tuvireho!"
Umugore umwe yabwiye BBC ko yafashe ingingo yo guhamvya abandi muri iyo myiyerekano kubera "Uburusiya bwahindutse ibohero".
Sergei Radchenko, umwe mu bari mu myiyerekano i Moscou afise imyaka 53, yabwiye Reuters ati: "Ndarambiwe n'ukwama ndi mu bwoba. Si naje kubw'iwanje no kubwa Navalny, ariko kubwo umuhungu wanje kubera ata kazoza kari muri kino gihugu".
Lyubov Sobol, umufasha akomeye wa Navalny amaze gucibwa ihadabu kubera guhimiriza Abarusiya kuja muri iyo myiyerekano, yacishije ireresi kuri Twitter yerekana abaporisi bamuburuta mu gihe bariko bamubuza kugiriranira ikiganiro n'abanyamakuru.
Umugore wa Navalny, Yulia, nawe yahagaritswe umwanya muto igihe yari muri iyo myiyerekano.
Bamwe mu bari muri yo bashitse kw'ibohero Navalny apfungiwemwo kandi risanzwe ricungerewe cane, benshi muri bo bakaba bahagaritswe.
Imbere y'uko iyo myiyerekano itangura, abategetsi b'Uburusiya bari bagabishije ko bayituza n'inguvu zabo zose. Mu ntango z'ino ndwi, abatari bake mu bafasha ba hafi cane ba Navalny, harimwo n'umuvugizi wiwe, umupfasoni Kira Yarmysh, barahagaritswe.
Abanywanyi biwe bahamagarira iyindi myiyerekano mu mpera z'indwi iza.
Terefone ngendanwa na internet vyarahungabanye
Hari amakuru avuga ko ejo ku wa gatandatu amaterefone na internet vyahungabanijwe, n'aho bitazwi nimba iki cari gifitaniye isano n'iyi myiyerekano.
Urubuga hwaniro TikTok rwaruzuye amareresi yahamagarira imyiyerekano hamwe n'ubutumwa bwakwiragijwe cane bwerekeye Navalny.
Mu kwishura, ikigo kijejwe ibinyamakuru mu Burusiya, Roskomnadzor, yasavye TikTok gufuta ubutumwa ubwo ari bwo bwose "buhimiriza abana gukora ibitajanye n'amategeko", kigabisha ko gishobora kuyitoza ihadabu rinini.
Umushikiranganji w'indero yabwiye abavyeyi ko batokwemerera abana babo kuja mu myiyerekano iyo ari yo yose.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza, Dominic Raab, ariyamiriza "ikubagurwa ry'abari mu myiyerekano bitekaniye hamwe n'abanyamakuru" ejo ku wa gatandatu, asaba abategetsi kurekura abahagaritswe.
Ubunyamabanga bw'imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika buriyamiriza ico bwise "amayeri mabi" akoreshwa ku bari mu myiyerekano n'abanyamakuru, bukavuga buti: "Dusavye abategetsi b'Uburusiya kurekura abo bose bahagaritswe bariko bakora ivyo bahabwa n'amategeko, hanyuma barekure Aleksey Navalny ubu nyene kandi ata kirinze gusabwa".