Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Alexei Navalny: Uwunegura Putin yapfunzwe iminsi 30
Uwuzwi cane mu batavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burusiya yapfunzwe iminsi 30, inyuma yo gutaha mu gihugu c'amavukiro ubwa mbere kuva ahawe uburozi mu mwaka uheze,
Navalny w'imyaka 44 yavuze ko ingingo y'urwo rubanza rwabereye ku gituro c'igipolisi ari agashinyaguro, ahamagarira abantu kwihereza amabarabara.
Yafashwe indege yari imuzanye imukura mu Budagi ikimara gushika i Moscou ku wa mungu.
Abashikirizamanza bo mu Burusiya bamwagirije ko yarenze ku ngingo zo gupfungwa icamaso ku caha co kunyuza amafaranga.
Navalny avuga ko kwagirizwa ico caha bifise imvo ya poltike.
Navalny yahatswe gupfa ahawe uburozi bwonona imitsi nsozabwenge bwitwa Novichok mu kwezi kw'umunani, ico gikorwa akaba acagiriza ubutegetsi bw'Uburusiya. Ubwo butegetsi burahakana kuba bwarabigizemwo uruhara. Ariko ibivugwa n'uwo aterekanwa n'ubutegetsi bw'Uburusiya vyarashigikiwe n'ivyatowe n'abamenyeshamakuru bakora amatohoza.
Intahe ya sentare yashashe uwu munsi ku gituro c'igiporisi i Khimki,mu nkengera za Moscou, aho Navalny yari yamaze ijoro.
Umucamanza yashinze ko Navaly apfungwa kugeza itariki 15 ukwezi kwa kabiri kubera ukurenga ku ngingo z'ugutegezurirwa. Azosubira kwitaba sentare ku wa 29 ukuwezi kwa mbere kugira hashingwe niba umunyororo wiwe w'icamaso w'imyaka itatu n'igice wosubirizwa n'ikiringo co gupfungwa.
Navalny yavuze ko ivyo yakorewe birenze agashinyaguto ku butungane aca avuga ko iyo ntahe yari ''iteye kubiri n'amnategeko mu rwego rwo hejuru''.
Muri video y'ivyo yavugiye kuri ico gitiuo c'igiporisi yagize ati: ''Ntimutinye. Ihereze amabarabara, mutabikorera jewe, ahubwo muvyikorera mwebwe nyene ku neza ya kazoza kanyu.''
Abantu baharurwa muri mirongo bashigikiye Navalny bari bakoraniye hanze y'ico gituro c'igiporisi mu bukonje bwinsi, basaba ko yorekurwa ubwo nyene.
Indege yamutahanye yari yuzuye abamenyeshamakuru harimwo n'aba BBC. Imbere gato y'uko yururuka umudereva yaciye avuga ko ku mvo ''z'ubuhinga'' indege itacururukiye ku kibuga ca Vnukovo, aho abantu ibihumbi n'ibihumbi bashigikiye Navalny bari bamurindiriye, ica ija kwururukira ku kibuga ca Sheremetyevo, bihungabanya abari muri iyo ndege.