Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia irahakana kwica abantu barenga 50.000 muri Tigray
Reta ya Ethiopia irahakana inkuru zivuga ko abantu ibihumbi n'ibihumbi b'abasivire bishwe mu ntambara yabaye mu ntara y'uburaruko ya Tigray.
Ku musi wa kabiri, imigambwe itatu itavuga rumwe na reta yo mu ntara ya Tigray yagirije abasirikare ba Ethiopia na Erithrea ko bagandaguye abantu, ivuga ko abasivire 52.000 bishwe.
Ntibasigura ico bashingiyeko mu kuvuga ico gitigiri, ariko bakavuga ko muri abo bishwe harimwo abagore, abana hamwe n'abarongoye amadini.
Reta ya Ethiopia ivuga ko izo nkuru ata ho zihagaze kandi zifise intumbero ya politike.
Yavuze ko ibabajwe n'abasivire bahasize ubuzima, ariko ko ata bantu benshi bahaguye kubera igisirikare gikurikiza amategeko.
Onu ivuga ko ibintu bishobora kunyuka bikaba bibi cane, mu gihe reta yabankiye gushika muri ako karere.
Ku musi wa mbere, umutegetsi arongoye ishirahamwe ritanga imfashanyo yanebaguye abategetsi ba Ethiopia kuba bababuza gushikira abasizwe iheruheru n'intambara yo mu ntara yo mu buraruko ya Tigray.
Jan Egeland, arongoye ishirahamwe rya Norwegian Refugee Council, yavuze ko amashirahamwe atanga imfashanyo atarashobora gushika mu turere two hagati no mu burengero tw'iyo ntara, co kimwe no mu makambi y'impunzi.
Yavuze ko ari gake abonye imfashanyo zibuzwa gushikira abo zigenewe.