Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia irabuza abatanga imfashanyo gushika muri Tigray
Umutegetsi arongoye ishirahamwe ritanga imfashanyo yanebaguye abategetsi ba Ethiopia kuba bababuza gushikira abasizwe iheruheru n'intambara yo mu ntara yo mu buraruko ya Tigray.
Jan Egeland, arongoye ishirahamwe rya Norwegian Refugee Council, yavuze ko amashirahamwe atanga imfashanyo atarashobora gushika mu turere two hagati no mu burengero tw'iyo ntara, co kimwe no mu makambi y'impunzi.
Yavuze ko ari gake abonye imfanyo zibuzwa gushikira abo zigenewe.
Egeland yongeyeko ko amakungu yananiwe mu kazi kayo ko gushikira imiliyoni n'imiliyoni z'abantu bari mu mwiheburo.
Hari ibimenyetso vyerekana ko impande zose zakoze ibikorwa bisinzikaza ubuzima bw'abasivire.