Peru: Umushingwamanza yakoze imibonano mpuzabitsina ari mu rubanza kuri video

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushingwamanza Héctor Cipriano Paredes yatangaje abantu benshi mu gihugu ca Peru no kw'isi yose, inyuma yo gukora imibonano mpuzabitsina n'umupfasoni umwe igihe yari mu rubanza hakoreshejwe video ku mbuga ngurukanabumenyi.
Paredes yatanguye akura impuzu hanyuma uwo mupfasoni na we arakurikira baca batangura gukora imibonano mpuzabitsina mu gihe urubanza rwari rukiriko rurabandanya. Video yabo yakwiragiye ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Twitter.
Abacamanza babikurikiranye ikibiriraho, co kimwe n'abashingwamanza co kimwe n'abariko barakurikirana urwo rubanza bose.
Paredes yariko araburanira uwuregwa icaha mu rubanza rwahuza umugwi w'abagizi ba nabi utinyitse cane muri ico gihugu.
Umucamanza John Chachua Torres yariko aburanisha urwo rubanza, yaciye aruhagarika ubwo nyene, aca anavuga ko umushingwamanza Paredes asuzuguye sentare.
Inyuma y'aho umucamanza Torres asangiye hakoreshejwe kamera ya Paredes, yaciye ategeka ko uwo mushingwamanza agirwako amatohoza, yongere anahagarikwe muri urwo rubanza.
Torres yavuze ati:"Tubonye ibiterasoni vyerekanwa ikibiriraho ngaha, nipfuza ko agirwako amatohoza vyihuta."
Inyuma yo guhagarika urwo rubanza, umucamanza Torres yongeyeko ko, mu nyandiko, ko kuva ubu, umushingwamanza Paredes azwi nk'umuntu yamaramaje sentare, abashingwamanza bagenzi we, hamwe n'urwego rw'ubucamanza muri rusangi.
Gushika ubu, Paredes nta nsiguro aratanga kuri iyo nyifato.
Mu kwezi kw'icenda, umushingamateka umwe wo muri Argentine yaratanze imihoho inyuma yo kuboneka asoma amabere y'umugore mu gihe inama nshingamateka yari yashashe ku buhinga bwa video.










