US: amareta 50 yose ameze magabo kubera imigumuko ishobora kuba imbere y'irahira rya Biden

Ingabo zijejwe umutekano w'igihugu (National Guard) ku ngoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ingabo zijejwe umutekano w'igihugu (National Guard) ku ngoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika

Amareta yose agize Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Washington DC yameze magabo kubera hikekwa imigumuko muri ino mpera y'indwi, mu gihe bitegekanijwe ko ku musi wa gatatu umukuru w'igihugu aherutse gutorwa, Joe Biden, ariho azoshikirizwa amabanga.

Ingabo zijejwe umutekano w'igihugu (National Guard) zarungitswe ku bwinshi kugira ngo batuze imigumuko isa n'iyo mu ndwi iheze ishobora kwaduka.

Ikigo kijejwe igendereza mu gihugu, FBI, kiragabisha ko hashobora kuba imyiyerekano y'abanywanyi ba Trump irimwo abitwaje ibirwanisho mu ngoro z'amakoraniro mu mareta yose 50.

Hagati aho, abakorana na Biden bafise integuro zo guhindura ingingo zikomeye zafashwe n'ubutegetsi bwa Trump.

Ibinyamakuru vya Amerika vyaronse urwandiko ruvuga ko haciye amasaha make gusa ashitse muri Maison Blanche/White House, azoca atangura gufata ingingo zo kwerekana ko ubutegetsi bw'uwo asubiriye burangiye burundu.

Zimwe mu ngingo yiteze gufata:

  • Azosubiza Amerika mu masezerano ya Paris ajejwe gukingira ikirere - amasezerano mpuzamakungu yo kugabanya ivyuka bihumanya ikirere
  • Azokuraho ingingo ibuza abanyagihugu bava mu bihugu bimwe bimwe bigizwe ahanini n'abasilamu kwinjira muri Amerika.
  • Azotegeka kwambara udupfukamunwa mu bibanza vy'igihugu hamwe no mu gihe c'ingendo uva muri reta imwe uja mu yindi.

Igisagara hafi cose ca Washington DC kizokwugarwa imbere y'ibikorwa vyo kurahira bitegekanijwe ku wa gatatu, mu gihe ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo zijejwe umutekano w'igihugu zarungitsweyo.

Amabarabara atari make aja kuri Capitol, ahabereye ya migumuko yahitana ubuzima bw'abantu, arazibiye.

Abakora mu biro kwa Biden bari bamaze gusaba abanyamerika kwirinda kuja ku mugwa mukuru w'igihugu mu birori vyo kurahira kubera ikiza ca Covid-19. Abategetsi b'akarere basaba bantu kuzokurikirana ibi birori bari kure.

Vyitezwe ko uyu musi wa Mungu uba umusi udasanzwe ku bategura imyiyerekano, inyuma y'aho abanywanyi ba Trump hamwe n'imbuga ngurukanabumenyi z'imirwi y'intagondwa z'abazundu zihamagariye imyiyerekano izoba irimwo n'inkoho kuri uyu musi.

Hagati aho, hari imirwi imwe imwe yabwiye abantu bayo ko batokwitabira iyi migumuko, ikavuga ko abajejwe umutekano barikanuye cane, abandi nabo bakavuga ko iyi ari imitego batezwe n'igiporisi.

Ejo ku wa gatandatu, igiporisi ca Capitol cavuze ko hari umugabo akomoka muri Virginia yari yitwaje ikirwanisho yahagaritswe kuri bariyeri ku wa gatanu, afise n'imiburiburi inkoho imwe n'amasasu 509.

Ariko uyo mugabo azwi kw'izina rya Wesley Allen Beeler yahavuye arekurwa, akaba yabwiye ikinyamakuru Washington Post ko ata ntumbero yari afise yo kwinjiza ikirwanisho i Washington, aho avuga ko yahoze akora mw'ikompanyi yigenga icungera umutekano.

Ati: Vyabaye ngombwa ko nishikana kuri iyo bariyeri mbonye ko natakaye kubera mva ruguru. Naraberetse ikarata inyemerera kwitabira ibirori vyo kurahira nari nahawe".

Amabariyeri ariko arubakwa ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika imbere y'ibirori vyo kurahira kwa Joe Biden na Kamala Harris ku wa 20 z'uku kwa mbere

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Amabariyeri ariko arubakwa ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika imbere y'ibirori vyo kurahira kwa Joe Biden na Kamala Harris ku wa 20 z'uku kwa mbere

Izi ngingo ruhasha zo gucungera umutekano zafashwe inyuma y'aho muri ino ndwi Perezida Donald Trump abogorejwe ku ncuro ya kabiri, ibitari bwigere bibaho mu mateka ya Amerika.

Ubu arindiriye gucirirwa urubanza n'inama nkenguzamateka, ku birego vy'uko "yakokeje imigumuko", inyuma y'akaguma kabaye kuri Capitol gatewe n'imirwi y'abanywanyi biwe.

Bakoze ivyo bafise intumbero yo kubuza ibikorwa vy'inama nshingamateka na nkenguzamateka vyo kwemeza intsinzi ya Joe Biden mu matora y'umukuru w'igihugu aheruka.

Hari abatari bake bamaze guhagarikwa kubera ico gitero cakozwe kuri Capitol.

Ingene amareta atandukanye ariko aritegura

Amareta mu gihugu cose ariko arafata ingingo zitandukanye zo kwicungera, haba mu kuzibira amadirisha y'ingoro z'amakoraniro canke mu kudatanga impusha z'amakoraniro.

Ba buramatari ba Maryland, New Mexico na Utah bose batangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe bikeka ko hashobora kuba imigumuko ku ngoro zayo z'amakoraniro.

California, Pennsylvania, Michigan, Virginia, Washington hamwe na Wisconsin ni zimwe mu zagomoye ingabo zijejwe umutekano w'igihugu, mu gihe Texas yoyo yugaye ingoro y'amakoraniro yayo kuva ejo ku wa gatandatu gushika inyuma y'ibirori vyo kwimikwa.

Ku ngoro y'amakoraniro ya Michigan iri i Lansing hubatswe uruzitiro rw'imetero zibiri

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku ngoro y'amakoraniro ya Michigan iri i Lansing hubatswe uruzitiro rw'imetero zibiri

Nk'uko bivugwa n'uwurongoye igisata kijejwe umutekano muri Texas, amakuru atangwa n'igisata kijejwe igendereza avuga ko "intagondwa" zishobora kwitera mu myiyerekano itegekanijwe kugira ngo "bakore ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi".

Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru ku wa kane, Buramatari wa Reta ya Virginia, Ralph Northam, yavuze ati:

"Nimba utegura kuza hano canke gushika i Washington ufise intumbero mbi mu mutima wawe, vyokubera vyiza usubiye inyuma ubu nyene ugataha muhira. Nta kibanza ufise hano, kandi nta kibanza ufise ku mugwa mukuru w'igihugu cacu. Wihenze ugashika ng'aha hakagira ico ukora, Virginia izoba iri magabo".

Abihweza ibintu n'ibindi babona ko amareta yabaye ikiririmbiro mu matora ashobora kubamwo imigumuko. Imwe muri zo ni Michigan, bikaba vyabaye ngombwa ko yubaka uruzitiro rw'imetero hafi zibiri ku ngoro yayo iri ahitwa Lansing.

Ku wa gatanu, umukuru w'igiporisi muri iyo reta, Joe Gasper, yavuze ati: "Turiteguriye ikintu kibi ico ari co cose coshika, ariko tubandanya twizera ko abazoshaka gukora imyiyerekano ku ngoro y'amakoraniro yacu bazoyikora mu mutekano". Yongerako y'uko gushika n'imiburiburi hagati mu kwa kabiri, iyi nyubakwa izokwongererezwa abaporisi.

Mu kw'icumi, abagabo batandatu barafashwe bagirizwa ko bariko barategura kunyuruza buramatari w'iyo reta, Gretchen Whitmer, wo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi.

Uyo murwi wategura kwegeranya "abagabo 200" kugira batere ibiro vy'iyo reta maze banyuruze abantu, nk'uko abajejwe igendereza babivuze.

Mu bindi vyabaye ejo ku wa gatandatu, urubuga rwa Facebook rwatangaje ko ruzohagarika vy'agateganyo amatangazo yamamaza ibikoresho vy'inkoho hamwe n'ibindi bikoresho vya gisirikare muri Amerika.

Ruvuga ko rwamaze guhagarika amatangazo yamamaza inkoho n'amasasu, ibi bikavugwa n'umuvugizi wa Facebook, Liz Bourgeois.

Iyi ngingo ifashwe inyuma y'aho abakenguzamateka batatu n'abashikirizamanza bane basabiye Facebook "kwirinda gushira imbere inyungu zayo ha gushira imbere inyungu z'igihugu".