Covid: Wa murwi wa WHO wo gutohoza inkomoko ya coronavirus washitse muri China

Umugera wateye iki kiza ca Covid-19 uzwi ko wakomotse mw'isoko ridandaza ibiva mu mazi mu gisagara ca Wuhan c'intara ya Hubei

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugera wateye iki kiza ca Covid-19 uzwi ko wakomotse mw'isoko ridandaza ibiva mu mazi mu gisagara ca Wuhan c'intara ya Hubei

Wa murwi w'abahinga b'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, wahavuye ushika mu gisagara ca Wuhan co mu Bushinwa kugira utangure amatohoza ku nkomoko y'ikiza ca Covid-19.

Uyu murwi wari urindiriwe kuva igihe kirekire ushitse muri ico gihugu inyuma y'amezi atari make OMS n'Ubushinwa bari mubiganiro.

Umurwi w'abahinga cumi witeze kugiriranira ibiganiro n'ibigo bijejwe ubushakashatsi, ibitaro hamwe n'isoko ridandaza ibiva mu mazi rizwi ko ari ryo nkomoko y'iki kiza.

Ikiza karanda ca Covid-19 catowe ubwa mbere mu gisagara ca Wuhan mu mpera z'umwaka wa 2019.

Uyu murwi washitse muri ico gihugu mu gatondo ko kuri uyu wa kane, bikaba bihuriranye n'ibitigiri bishasha vy'abandura vyasubiye kwibonekeza mu buraruko bw'Ubushinwa, mu gihe Wuhan isa n'iyasubiye mu buzima busanzwe.

Bazotegerezwa kumara indwi zibiri bitaramuye imbere y'uko batangura amahotoza yabo, azoshimikira ahanini ku vyo bazoba bahanwe n'abategetsi y'Ubushinwa.

Iri tohoza rigamije kwiga ingene ibikoko vyatete iki kiza, rigiye gutangura inyuma y'inzitizi zari zabanje kwibonekeza.

Mu ntango z'uku kwezi, OMS yavuze ko uyu murwi ujejwe amatohoza wari wankiwe kwinjira mu Bushinwa inyuma y'aho umwe mu bawugize asubijwe inyuma, uwundi nawe akankirwa kubandanya urugendo.

Ubushinwa buvuga ko hari habaye ukutumvikana mu gihe ibiganiro vyari bikibandanya kugira uyo murwi ushobore kwemererwa kwinjira.

Ubushinwa bwaramaze amezi atari make buvuga ko iki kiza karanda kitakomotse muri ako karere.

Umwigisha wa kaminuza, Dale Fisher arongoye igisata kijejwe guhangana n'indwara z'ivyaduka muri OMS, yabwiye BBC ko yizeye neza y'uko isi izofata ko uru rugendo ari urugendo rukozwe n'abahinga ata mvo za politike zirimwo.

Ati: "Nta politike irimwo canke kurondera gutanako umwikomo, ariko ni igikorwa c'abahinga co kurondera koko inkomoko y'iki kibazo".

Prof Fisher yongera ko y'uko abahinga hafi bose bemera ko uwu mugera ufise inkomoko kama.

Ku wa kane, Ubushinwa bwatangaje umuntu wa mbere yishwe na Covid-19 mu mezi umunani yose.

Iki gihugu cashoboye guhagarika uwu mugera ku rugero runini kibicishije mw'isekeza ryo gupima abantu benshi, ingingo ruhasha za guma mu rugo hamwe n'izo guhagarika ingendo.

Ariko muri zino ndwi za nyuma haribonekeje abantu bashasha banduye, cane cane mu ntara yo mu buraruko ya Hebei ikikije umugwa mukuru Pékin/Beijing hamwe n'intara ya Heilongjiang mu buraruko bushira ubuseruko.