Ethiopia: Umusigiti wa mbere muri Africa, al-Nejashi, wasambuye n'ibibombe muri Tigray

Ahavuye isanamu, Social media
Reta ya Ethiopia yemeye ko igiye gusanura umusigiti wa kera cane wasambuwe mu kwezi guheze mu ntambara ya Tigray mu buraruko bw'ico gihugu.
Umusigiti wa al-Nejashi uvugwa ko watewe ibibombe, ivyari muri wo biranyagwa, eka mbere n'imva z'abategetsi b'idini rya Isilamu bo muri kahise zirononekara.
Reta ivuga ko n'urusengero rwasambuwe muri ico gihe c'intambara na rwo nyene ruzosanurwa.
Abanyagihugu baba muri ako karere bazi ko umugisiti wa al-Nejashi wubatswe n'Aba-Isilamu ba mbere bimukiye muri Afrika mu gihe c'Intumwa Muhammad.
Bari bahunze amabi bariko barakorerwa i Makka baca bahabwa ubuhungiro mu cahoze ari ubwami bwa Aksum.
Aba-Isilamu bo muri ako karere bazi ko abasangirangendo 15 b'Intumwa Muhammad bahambwe muri izova zasambuwe .
Bazi kandi ko uwo musigiti ari wo wa mbere watanguye kwubakwa muri Afrika, n'aho hari abandi bavuga ko uwa mbere wubatswe muri Afrika uri muri Misiri.
Uwo musigiti uri mu gisagara ca Wukro kiri ku birometero hafi 800 uvuye ku mugwa mukuru wa Ethiopia, Addis Ababa.
Urusengero Emanueli Mweranda (Saint Emmanuel) rw'Abakristu b'idini rya Orthodoxe na rwo nyene rwarasambuwe ariko nta nsiguro zatanzwe.
Mu mwaka wa 2015 hari ishirahamwe ryo muri Turukiya ryatanguje ibikorwa vyo gusanura uwo musigiti, rivuga ko ryashaka "kubungabunga uwo mutungo wo muri kahise", rigahindura ako karere kugira ngo gashobore kwirukirwa n'ingenzi.

Uwu musigiti hamwe n'urusengero rwari hafi yawo vyasambuye mu bitero vya gisirikare vyamaze ukwezi kumwe bifise intumbero yo kwomora ubutegetsi bw'umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF) wari urongoye akarere ka Tigray.
Ishirahamwe ryigenga ry'Ububirigi rikorera muri Afrika rivuga ko ku wa 18 z'ukwa cumi na kabiri uwo musigiti wa al-Nejashi "wabanje guterwa ibombe mu nyuma unyagwa urukombamazi n'abasirikare ba Ethiopia na Eritrea".
Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ibinyamakuru vya Tigray vyatangaje ko abantu batari bake bishwe bariko bagerageza gukingira uwo musigiti.
Reta ntaco irashikiriza kuri ivyo vyegeranyo vy'iryo shirahamwe. Ariko, reta za Ethiopia na Eritrea zompi zirahakana ko hari abasirikare ba Eritrea bari muri Tigray gufasha mu ntambara yo kurwanya TPLF.
Mu kiganiro yagiranye na BBC igisata ca Amharic, icegera c'umukuru w'igisata kijejwe gukingira umurage wo muri kahise, Abebaw Ayalew, yavuze ko ko komite idasanzwe izoshikanwa muri ako karere kugira ngo yige ingene uwo musigiti n'urwo rusengero vyasambuwe imbere y'uko ibikorwa vyo gusanura bitangura.
Ati: "Ubu burere ntibuzwi gusa ku bijanye n'ugusenga, ariko kandi ni umutungo wo muri kahise kuri Ethiopia yose".
Mu ntango z'ukw'icumi na rimwe, intambara yaradutse mu karere ka Tigray igihe umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, yagomora ingabo mu ntumbero yo gutuza abarwanyi ba TPLF.
Hari haciye amezi atari make hari ukutumvikana hagati ya reta ya Abiy n'abategetsi ba TPLF, umugambwe wari urongoye Tigray.










