Ethiopia: Igisirikare cishe abantu 40 inyuma y'igitero cahitanye hafi 100

Akarere ka Benishangul-Gumuz

Igisirikare ca Ethiopia cishe abantu barenga 40 bakekwa kugira uruhara mu bwicanyi bw'abantu hafi ijana, harimwo abana, mu karere ka Benishangul-Gumuz, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vya reta.

Izo nkuru zongerako ko abategetsi b'ubu n'abakera batanu na bo nyene bafashwe bagirizwa ubwo bwicanyi.

Abateye baturiye amazu y'abantu baryamye mu bigwati, barabarasa bongera barabacumita mu gitero cabaye ku musi wa gatatu.

Ico gitero cabaye inyuma y'umusi umwe umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed agendeye ako karere.

Ntiharamenyekana abateye abo ari bo, ariko bigaragara ko batumbereye abo mu bwoko bw'inkehwa bafatwa "nk'abakoloni" muri ako karere, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International.

Muri iyi myaka ya vuba, muri Ethiopia hongerekanye imishamirano muri politike, mu moko hamwe no mu madini.

Mu 2018, ico gihugu cari gifise igitigiri kinini c'abantu bahungiye hagati mu gihugu muri Africa - hafi umuliyoni 1.8.

Amatati yagiye kwongerekana bivuye ku migwi isaba kwongererezwa amatongo n'ivyicaro, ari na ko banagerageza kwirukana abantu bafata ko atari imvukira.

Abiy Ahmed became prime minister of Ethiopia in April 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abiy Ahmed yabaye umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia mu kwezi kwa kane mu 2018

Abiy avuga ko ubwo bw'icanyi ari nk'akaga, kandi ko reta yarungitse igisirikare muri ako gace gufasha gutora inyishu y'iyo ntambara.

Ibinyamakuru vya reta ntibivuga abo bantu 42 biciwe mu bikorwa vya gisirikare kiriko kirahiga abari bateye, abo ari bo.

Inkuru zivuga ko ibigwanisho, harimwo imiheto n'imyampi vyafashwe.

Icegera c'umushikiranganji wa reta ari mu bantu batanu bafashwe bafitaniye isano n'ubwo bwicanyi, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.

Ariko, ntiharamenyekana neza na neza ico bagirizwa.