UN isaba 'gushika hose' mu karere ka Tigray muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, AFP
ONU ivuga ko itewe impungenge nyinshi n'uko abasivire bamerewe mu karere ka Tigray ko muri Ethiopia, ikaba yasubiye gutera akamo reta kuyireka ngo yishikire hose kugira habe amatohoza kubivugwa ko habaye ivyaha vyo mu ntambara.
Umukuru w'igisata ca Onu kijejwe agateka ka zina muntu, Michelle Bachelet, avuga ko intumwa ziri mu migwi ibiri zijejwe kwihweza ibikenewe zashoboye kwinjira muri ako karere ku musi wa mbere.
Ariko avuga ko, bivuye ku kuburabuzwa, ntivyari bwashoboke ko haba amatoza ku bivugwa ko hakoresheje ibikoho vya rutura mu kurasa mu turere tubamwo abantu benshi, ubwicanyi ndengerabutungane hamwe no gusahura bakuzako.
ONU ivuga ko yagumye ironka inkuru z'ibitero vy'ibigwanisho rutura vyakoreshejwe mu kwezi guheze ku mazu n'ibitaro mu gisagara ca Humera ku rubibe Ethiopia ihana na Eritrea.
Mu ntango z'uku kwezi, ingabo za Ethiopia zararashe ku bakozi b'ishirahamwe mpuzamakungu (ONU/UN) mbere zirabafunga, inyuma y'uko batwaye imodoka bakarenga kuri za bariyeri (barrières) muri reta ya Tigray iberamwo intambara, nk'uko vyemejwe n'umuvugizi wa reta, Redwan Hussein.
Yongeyeko ko uyo mugwi w'abakozi ba ONU warenze ku mabwirizwa abuza kwinjira muri ako karere.
Kuva kw'itariki 4 z'ukwezi kwa 11, ingabo za Ethiopia zibandanya kurwana n'ingabo z'umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF).






