Covid: Ico kiza cagabanije umunezero w'umwaka mushasha hirya no hino kw'isi

Ahavuye isanamu, EPA
Amategeko yo kwikingira mu misi mikuru y'umwaka mushasha ariko arashirwaho hirya no hino kw'isi mu gihe ibihugu vyinshi bihanganye n'iyongerekana ry'abagwayi ba coronavirus.
Ukurasa ibintu biturika kandi vyakaka mu kirere hamwe n'ayandi makoraniro ntibirekuwe kuva i Sydney gushika i New York.
Ibirori ntibizoba na cane cane i Buraya, mu gihe hari ubwoba ko hari ubundi bwoko bwa coronavirus bwadutse.
Ubufaransa bwategekanije abapolisi 1000.000 bo kugenzura imisi mikuru y'umwaka mushasha no kwubahiriza amasaha y'umukwabu.
Abantu barenga umuliyoni 1.8 baramaze gupfa bahitanywe na coronavirus hirya no hino kw'isi kuva ico kiza giteye haraciye umwaka. Abantu barenga imiliyoni 81 baramaze gufatwa n'iyo ngwara.
Ingene ibihugu vya Aziya na Pacifique vyabangamiwe?
Kimwe mu bihugu vya mbere vyashikiriye umwaka mushasha ni Australia. Ibintu biturika kandi vyakaka birabandanya kuraswa mu kirere, ariko nta bantu baza kwemererwa gukoranira ku kivuko co muri ico gisagara mu kuwigina.
Umushikiranganji wa mbere wa New South Wales, Gladys Berejiklian avuga ati:"Ntidushaka gutuma haba imisi mikuru ikwiragira hose ku mugoroba w'umwaka mushasha."
Benshi mubaba i Sydney baza kuguma imbere y'imboneshakure, aho abantu bazoba barekuriwe kuja hamwe batarenga batanu, nk'uko umumenyeshamakuru wa BBC ari muri ico gisagara, Phil Mercer abivuga.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu Bushinwa, ibirori vy'umuco w'amatara vy'umwaka mushasha mu gisagara ca Pekin vyahagaritswe. Imisi mikuru yagabanuwe cane mu bisagara vyo muri ico gihugu.
Ubuyapani bwahagaritse umusi mukuru usanzwe uhimbazwa buri mwaka mushasha aho igikomangoma Naruhito n'abandi bo mu muryango wiwe baramutsa isinzi ry'abantu.
Mu Buhinde, i Delhi no mu bindi bisagara vyinshi hashizweho umukwabu hamwe n'izindi ngingo zibuza amakoraniro y'abantu benshi ku mwaka mushasha.
I Buraya ho gute?
Mu Bufaransa, reta yategetse ko haba abajejwe umutekano bagaragara mu bisagara hose kuva isaha zibiri z'ijoro ku musi wa kane, isaha umukwabu utangurirako. I Paris, igice c'itereni zica mu kuzimu kizoba cugaye ku mugoroba.
Ubufaransa bumaze kwiyugarana incuro zibiri, ububare, inzu z'uburiro hamwe n'ibibanza vy'akahise bizoguma vyugawe ku musi mukuru w'umwaka mushasha.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mu Bwongereza - aho coronavirus nshasha iriko irakwiragira vyihuta kandi abantu imiliyoni 20 bamerewe nabi cane mu turere dusinzikaye cane, bategetswe kuguma mu mihana yabo - Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yahamagariye abantu gukurikiza amategeko yo kwikingira Covid.
Ku musi wa gatatu yavuze ati:"Ibi ntibisigura ko mubonana n'imiryango hamwe n'incuti mu mazu yanyu, kiretse igihe musanzwe mubana, kandi mukwiye kwirinda amakoraniro y'abantu benshi ayo ari yo yose."
Igipolisi co mu bisagara cateye akamo abakunda kugira imisi mikuru i Londres "ko bohimbariza umwaka mushasha mu mazu yabo."
Irlande irongereza ingingo zo kwikingira kuri uyu wa kane, ibuze imigenderanire hagati y'amazu, yugare ubuguriro budakenewe cane ihagarike no kuja ku birometero bigera kuri bitanu mu kiringo c'amezi atatu.
Ubudagi buri mu mategeko yo kugaranwa gushika itariki 10. Reta yahagaritse ibintu biturika birwaswa mu kirere, ishiraho n'ingingo zindi zikomeye ku gitigiri c'abantu bashobora guhurira hamwe.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu Jens Spahn yavuze ko igihugu gishobora "kugira umusi mukuru w'umwaka mushasha w'agacerere" utazopfa wibagiwe.
Holande na yo nyene iri mu ngingo zo kutava ku muhana, zitegekanijwe kurangira itariki 19 z'ukwezi kwa mbere. Uguharura umwanya usigaye ngo umwaka mushasha ushike, kuza kubera ku kibuga ca Amsterdam, ata mu ntu n'umwe ahari.
Turkia kiratangura imisi ine yo kwiyugarana kuva ku mugoroba w'umwaka mushasha.

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri Amerika, abategetsi bashizeho ingingo zo guhagarika imisi mikuru mu ntara no mu bisagara vyinshi. I new York, umupira wakaka uri mu kibanza ca Times Squares uraza kururutswa mu mihango y'umugenzo wo guharura umwanya usigaye ngo isaha zitandatu z'ijoro zishike, ariko nta bantu bazoba barekuriwe kuza muri ico kibanza.
Ibintu biturika kandi bica ibibatsi biraswa mu kirere vyahagaritswe mu bisagara harimwo San Francisco na Las Vegas.










