Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Diego Maradona: Umukenguzamateka wa Argentina asaba ko inoti nshasha ijako Maradona
Umukenguzamateka wa Argentine yasavye ko isanamu y'uwahoze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru Diego Maradona yoshirwa ku noti nshasha.
Maradona, uyu mukinyi yari kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Argentine igihe itsindira igikombe c'isi yose mu 1986, yasandavye afise imyaka 60 mu ndwi zibiri ziheze.
Ejo ku wa mbere, umukenguzamateka Norma Durango yashikirije integuro y'iri tegeko inama nshingamateka ayisaba ko isanamu y'uyu mukinyi yoshirwa ku noti y'igihumbi c'amapeso (amahera akoreshwa muri Argentine), ikaba ari yo noti nini mu gihugu.
Avuga ko uruhande rumwe rw'iyi noti rwokwerekana isura ya Maaradona, urundi ruhande narwo rukerekana kimwe mu bitsindo vyiwe vyabaye karuhariwe.
Ikinyamakuru La Nación candika ko iyi nteguro y'iri tegeko ivuga ko izi noti "zoba ziriko isanamu ya Diego Armando Maradona ku ruhande rumwe, ku rundi naho hakajako isanamu y'igihe yinjiza Ubwongereza igitsindo ca kabiri, muri Mexico ku wa 22 z'ukwa gatandatu 1986".
Uyu mukenguzamateka kandi asaba ko isanamu yiwe yoshirwa ku ma timbres.
Umupfasoni Durango ati: "Iki ciyumviro nticerekeye ukwibuka gusa iki gihangange cacu, ariko kandi twiyumvire no ku butunzi. Twumva ko ingenzi zogendera igihugu cacu, uko vyogenda kwose, zoshima kugenda zitwaye 'Maradona' iwabo".
Ibitsindo bibiri bikomeye gusumba ibindi vya Maradona yavyinjije Ubwongereza mu rukino rw'igice ca kane gishira icanyuma mw'ihiganrwa ry'igikombe c'isi yose.
Uyu mukinyi niwe yari kizigenza w'umurwi igihe Argentine itsindira iri higanwa. Yibukirwa ku gitsindo ca mbere yinjije "n'Ukuboko kw'Imana" acinjiza Ubwongereza, akaza mbere n'ukwiyongera ikindi kigira kabiri.
Muri ino nteguro rero, ni uko iki gitsindo kigira kabiri ari co cokwerekanwa ku noti.
Umupfasoni Durango avuga ko ingingo ya nyuma izofatwa n'abashingamateka, biteze kwiga iki ciyumviro ciwe mu ntango z'umwaka uza.
Uyu yahoze ari umukinyi rurangiranwa yahitanywe n'indwara y'umutima ari muhira iwe ku myaka 60 mu mpera z'ukwezi guheze.
Mu ntango z'ukwezi kwa cumi na rimwe, Maradona yari yabazwe mu bwonko, akaba yategerezwa kuvurwa indwara zaturutse ku nzoga nyinshi.
Mu nkino 91 yakiniye Argentine, yinjije ibitsindo 34, akaba yayikiniye mu mahiganwa ane yose y'igikombe c'isi yose.