Burundi: 'Uwuzokwiba itunga ry'igihugu azonyagwa amatungo yiwe' – Ndayishimiye

Evariste Ndayishimiye avuga ko na kera umuntu amenje mu gihugu bamunyaga urukombamazi
Insiguro y'isanamu, Evariste Ndayishimiye avuga ko na kera umuntu amenje mu gihugu bamunyaga urukombamazi

Perezida Evariste Ndayishimiye w'u Burundi agabisha ko umukozi wa leta azokwagirwa n'icaha co kwiba itunga ry'igihugu atazosubira kuronka akazi mu Burundi mbere n'amatungo yiwe akagurishwa kugira arihe ivyo yivye.

Ibi yabivugiye mu ntara ya Karusi ejo ku wa gatandatu mu birori vyo kurangiza indwi yahariwe umurwanyi itunganywa n'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD.

Mw'ijambo yashikirije, Perezida Ndayishimiye ahamagarira abanyagihugu bose kuba inderetsi kugira bafate abiba itunga ry'igihugu.

Igihe ashikiriza leta yiwe ku wa 30/06 uno mwaka, Perezida Ndayishimiye yatangaje ko kimwe mu bikorwa agiye kwihutira ari ukurwanya abanyuruza itunga ry'igihugu n'abarya ibiturire.

Mw'ijambo ryiwe yaraye ashikirije, Perezida Ndayishimiye yavuze ko atumva ingene umukozi wa leta yokwiba itunga ry'igihugu hanyuma agaca arondera guhembwa na leta.

Avuga ko uwuzokwagirizwa ubusuma, gusesagura itunga ry'igihugu, n'ukurya igiturire azoshirwa "mu gitabo cirabura ntaze asubire kuronka akazi" mu Burundi.

Hampade yo kwirukanwa mu kazi, Bwana Ndayishimiye avuga ko uwuzokwagirwa n'iki caha bazogurisha amatungo yiwe kugira ngo arihe ivyo yivye.

Ati: "Umuntu wese azoba yagirizwa kwiba itunga ry'Abarundi tuzogurisha ivyiwe amahera yivye asubire mu kigega".

"Azopfungwa yongere agarukane ivy'abenegihugu yivye ... none ga yemwe, kuva kera na rindi, umuntu amenje mu gihugu ntibamunyaga urukombamazi?"

Kubw'iwe, na kera uwumenje baramunyaga urukombamazi, mbere bakanamwangaza ntabe acitwa Umurundi.

Amaze gushikirizwa amabanga yo kurongora igihugu, Perezida yariyemeje kurwanya abanyuruza itunga ry'igihugu n'abarya igiturire, nka kimwe mu gikorwa co gukomeza intwaro ibereye.

Mu mpera z'ukw'icenda igihe yari arangije iminsi ijana ashitse ku butegetsi, ishirahamwe Olucome ryavuze ko ata kintu kinini yari bwakore muri kino gisata.

Gabriel Rupfiri arongoye iri shirahamwe yabwiye BBC ko babona ko hari abanyuruza itunga ry'igihugu bari "mu ruhande rwiwe n'abari muri leta", akabona ko bizomugora ko ashobora gutera intambwe.

Eka na we nyene mw'ijambo yashikirije, yarerekanye amakenga ko hari bamwe mu barongoye igihugu bashobora kutishimira ivyo yavuze, ati: "Ndazi y'uko indongozi mutabikomera amashi".

Avuga ko atazotinya kwiyambura uwuzorenga ku vyo yemereye abanyagihugu.