Burundi: Ishusho babona kuri perezida mushasha inyuma y'iminsi 100

Perezida Evariste Ndayishimiye arahirira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uyu munsi haheze iminsi 100 Gen. Major Evariste Ndayishimiye arahiriye kurongora u Burundi, mu gihugu hariho ababona ko ivyo amaze gukora bitanga icizere n'abo ataraha icizere kuko ku bwabo ata kintu kinini arakora.

Iminsi 100 ntishobora kurabirwako ibikorwa yemeye gukora mu kiringo c'iminsi ishika 2,556 yatorewe gushika mu kwezi kwa gatandatu 2027, ariko iyi minsi y'intango kuri bamwe itanga ishusho y'ejo hari imbere.

Kuva Bwana Ndayishimiye arahiriye amabanga y'umukuru w'igihugu akanashinga leta nshasha, hariho impinduka zimaze kwibonekeza.

Uwo yasubiriye yari yarumvikanye avuga ko "ata coronavirus ikirangwa mu Burundi", ashitse ku butegetsi, yihutiye gutangaza ko coronavirus "ari umwansi wa mbere w'Abarundi".

Kwegera amashirahamwe mpuzamakungu, ingendo n'ibikorwa imbere mu gihugu, amajambo akomeye ku Rwanda, itahuka ry'impunzi, icizere gikeya afitiwe n'umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, urugendo muri Tanzania n'amajambo yahavugiye… ni bikeya mu vyaranze iyi minsi 100 iheze.

Hari impinduka ziboneka mu gihugu?

Appolinaire Nishirimbere, umukozi w'inama nshingamateka kandi umuhinga mu vy'ubutungane bw'amakori n'amatagisi, aba i Bujumbura, avuga ko kuva hajaho perezida mushasha impinduka zibonekeza mu bisata vyinshi mu buzima busanzwe mu gihugu.

Ati: "Muri iyi minsi iheze haramaze kuboneka cane cane mu gipolisi, abapolisi n'abacamanza mu gisata c'ubutungane bafatwa kubera bariye ibiturire, kandi ivyo ntitwari tubiherutse mu Burundi.

"Ubu n'aho uca ku mabarabara urabona ko abapolisi batinya bimwe bita 'petite corruption' kuko batazi uwoshobora kubatanga, ariko kera wamenga ni ibintu bisanzwe, umuntu yahagarara bakamwaka amahera.

"Ndabona ko ari ikintu gikomeye cane gitanga icizere muri kazoza, n'aho muri ico gisata hariho ivyo guhindura cane cane mu giturire kinini kuko ntiturabona umuntu n'umwe yariye igiturire c'amahera menshi."

Bwana Nishirimbere abona kandi kuba perezida mushasha yarasohoye itegeko ko abakukuruke batangura kuvurwa ku buntu ari ikintu gikomeye yashize mu ngiro ningora mu vyo yari yarasezeranye.

Ishirahamwe rirwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya leta OLUCOME, rikorera mu Burundi, rivuga ko rizirikana ko Bwana Ndayishimiye yavuze ko azoshira inguvu cane mu kurwanya igiturire n'isahurwa ry'amatungo ya leta, ariko ngo ntarakora ibitegetswe n'itegeko.

Gabriel Rupfiri arongoye OLUCOME avuga ko bamaze kwumva ivyo yashikirije baciye bamuha dosiye zimwe bamaze gukora z'abantu bari muri leta bakekwa gusahura leta.

Avuga ko ababijejwe bemereye iryo shirahamwe ko "bagiye kubikurikirana kandi bitazoteba".

Muri kuno kwezi yakiriye intumwa za ONU M. Huang Xia (ibubamfu) n'umupfasoni Bintou Keita

Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

Insiguro y'isanamu, Muri kuno kwezi yakiriye intumwa za ONU M. Huang Xia (ibubamfu) n'umupfasoni Bintou Keita

Amategeko avuga ko abategetsi berekana amatunga yabo n'imvo yayo mu gihe kitarenga iminsi 15 bashizweko.

Ati: "Twaranditse amabaruwa atatu dusaba ko hari igikorwa, mu nyuma igenekerezo rya 23/08 yatanze indwi zibiri ko agiye kubikurikirana, ubu ni itariki 23/09 [ku wa gatatu w'iyi ndwi] nta kintu na kimwe muri ubwo buryo cigeze gikorwa.

"Twebwe rero dusanga ibintu vyotera bisubira inyuma mu gihe atoramuka ariye umutima amenyo kuko impinduka zose hama hari abantu batagomba ko zishoboka".

Yongerako ati: "Mu ncamake tubona ko atabanje kwinyugutura, kwikurako ababandi bari mu ruhande rwiwe n'abari muri leta bizomugora ko ashobora gutera intambwe."

Mu ijambo yashikirije inama rusangi ya ONU yatangaje uyu munsi, ku rubuga hwaniro rwa Twitter, Perezida Ndayishimiye yavuze bimwe bimwe muvyo ariko ararangura muri iki kiringo ciwe ca mbere.

'Magufuli ni Papa', ikindi gihugu 'gikoresha uburyarya'

Hariho abari biteze impinduka mu migenderanire y'u Burundi n'u Rwanda yabaye mibi kuva habaye igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi mu 2015.

Mu ntango z'ukwezi guheze k'umunani Bwana Ndayishimiye, avuga ku kibazo bafitanye n'u Rwanda, yagize ati: "Ntitwifuza yuko tugirana imigenderanire n'igihugu gikoresha uburyarya, igihugu c'iciyorobetsi".

Ivyo vyatumye bamwe bamwe babona ko impinduka bari biteze zitagiye kwibonekeza vuba. Ariko mu mpera z'ukwo kwezi nyene hatewe intambwe ikomeye.

Ubwa mbere muri ayo matati amaze imyaka, abarongoye igendereza (ubutasi) mu ngabo z'ibihugu vyompi bahuriye ku mupaka wa Nemba, eka n'ibihugu vyompi bikorana inama bumvikana ingene botahukana impunzi ziva mu Rwanda.

Onesphore Sematumba, umusesenguzi wa politi yo mu karere k'ibiyaga binini wo mw'ishirahamwe International Crisis Group, abona mu minsi 100 iheze Bwana Ndayishimiye yabandanije politike yari isanzweho.

Ati: "Hari abari biteze ko ashobora kuza agakora iyo twokwita nka 'révolution' ariko usanga yabandanije politike yari isanzweho cane cane mu migenderanire n'amakungu.

"Ubona ko adashaka kwihutisha ibintu ngo nk'uwugiye kubiri n'inzira yamugejeje aho ari, ariko hari utuntu twagiye duhinduka twerekana ko atari uwundi Nkurunziza yaje".

Bwana Sematumba abona ijambo Bwana Ndayishimiye yavugiye i Kigoma muri Tanzania - aho yavuze ko Tanzania ari nk'umuvyeyi w'Uburundi naho Perezida Magufuli ari nka Papa wiwe - vyerekana gushimangira politiki yaje asanga.

Nyuma y'imyaka ishika itanu Perezida w'u Burundi yarasohotse mu gihugu mu rugendo rw'akazi ruzwi

Ahavuye isanamu, Ntare rushatsi

Insiguro y'isanamu, Hari hashize imyaka ishika itanu umukuru w'igihugu c'Uburundi atajabutse hanze y'igihugu mu rugendo rw'akazi ruzwi

Ati: "Naho ku rwego rwo kubana n'u Rwanda haracari ukwikekana n'ubwo hari intambwe yatewe kuko kuba abakuriye ingabo barahuye ni ikintu gitanga icizere."

Muri iki gihe giheze Bwana Ndayishimiye hamwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu, bariko barakira abahagarariye imiryango mpuzamakungu itandukanye, Ubumwe bw'Uburayi n'iyindi.

Ivyo bamwe bamwe babona ko ari ukwugurura bushasha umubano n'amakungu uyu mukuru w'igihugu yasezeranye, mw'ijambo ryiwe amaze kurahira, ko uzoba ushingiye ku bwubahane.

Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi uvuga ko utabona icizere mu butegetsi bwiwe, ukavuga ko hari ivyaha vyo guhonyanga agateka ka muntu bibandanya, eka na bamwe mu bagirijwe ivyaha vyakozwe hambere uyo murwi uvuga ko ubu bakomeye muri leta.

Kazoza bakabona gute?

Bwana Nishirimbere avuga ko amashirahamwe mpuzamakungu amwe atobura ico avuga ku gihugu nk'Uburundi caciye mu bibazo bikomeye kuva cikukira, ariko ubu abona impinduka zimuha n'icizere.

Ati: "Agahaze koko ntigashobora kubura mu gihugu caciye mu ngorane, gusa ntibiba ari umugambi wa leta. Ayo maraporo atangwa nibaza ko abayakora bataba bageze hano ngo babaze abo biraba.

"Iyi minsi 100 irampa icizere kuko mbona afise [Perezida Ndayishimiye] ugushaka kwa politike, arashaka kwiyegereza abantu bose, ivyo rero bituma mbona ko mu myaka indwi hari aho azotugeza".

Bwana Rupfyiri we abona ko Perezida Ndayishimiye akeneye kugendera ku mategeko y'igihugu akubahiriza agateka ka buri wese no gucungera itunga ry'igihugu kugira ngo kazoza k'igihugu kabe keza.

Agira ati: "Ntabwo turiko turagaya vyose, oya, ahubwo turiko turakebura kuko no mu 2005 burya vyatanguye gutya, abantu bavuga ngo Nkurunziza ibintu biriko biragenda neza, mu nyuma ngo abantu bari impande yiwe ni bo bamuboheye amaboko imugongo, harazamwo ivya Rajabu [Hussein] aragenda.

"Mugabo twarabonye ko vyagumye biyangara kugeza aho u Burundi bwahavuye buja inyuma mu bintu vyose, ivyo rero ni vyo tudashaka ni co gituma tuguma dukebura hakiri kare."

Bwana Rupfyiri yongeraho ati: "Mu Kirundi baravuga ngo 'Inda n'ibanga ntibibangikanywa', umuntu w'umusuma, umuntu atigeze yiyambura umunoho iyo agiye gutwara abantu nta kindi abona azobanza kubona inda yiwe.

"Ni co gituma ikintu tuguma tumusaba kugeza n'iyi saha, abo bantu ba mpemazuzuye, nibave muri leta tubone leta ifise ishusho itanga akarorero, twarabamuhaye kuva kera kandi na we arabazi.

"Ibwirizwashingiro rivuga ko umutegetsi agiyeho kuva kuri perezida gushikana ku wutunganya ivy'amahera kw'ikomine, umwe wese ategerezwa guhita yerekana ubutunzi bwiwe, none abasuma badasumvya inguvu leta wosigura gute ko amezi atatu ashobora guhera ata na kimwe barakora?"

Bwana Sematumba wewe avuga ko uko u Burundi buriko buriyegereza imiryango mpuzamakungu bizotuma "buzogenda bwemerwa, bwizerwe gusumba".

Ati: "Uko bagenda begerana n'umuryango mpuzamakungu buhoro buhoro bazogenda banahuzwa n'abandi bari bafitaniye ibibazo kugira ngo ntitugere ku bushamirane bweruye bwo gutana mu mitwe.

"N'ubwo hari imbogamizi zigihari hari icizere ko bizogenda biba vyiza."