Evariste Ndayishimiye yizeza Abarundi ko azoshinga leta yumviriza bose

Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, NTARE HOUSE

Mw' ijambo ryiwe rya mbere nk'umukuru igihugu inyuma yo kurahira, Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko aje gushinga leta mvyeyi, itunganyiriza kandi yumviriza bose, ahimiriza Abarundi bahunze gutahuka, mbere akizeza umubano n'amahanga ariko ushingiye ku kwubahana.

Bwana Ndayishimiye yijeje ukwishira n'ukwizana kwa bose no gukingira agateka ka buri wese.

Agira ati: "Ntimugire ubwoba ndazi ibindindiriye…Kugira nemere ko Uburundi bwikukiye koko ni uko Umurundi wese agira ijambo.

"Kugira ijambo ariko si ukuja mu mpari canke kugumuka mu mabarabarara, ivyo bavyita kwiha ijambo kandi mu mico y'ikirundi kirazira, Abarundi bahana ijambo bakaganira".

Ibiganiro hagati y'Abarundi

Bwana Ndayishimiye yasavye ko ata mahanga yosubira kwivanga mu biraba Abarundi ngo abaronderera ibiganiro na leta, ahubwo bo boja bitura leta bonyene. Ati: "Abashaka ibiganiro n'ejo baratonda ariko bibuke umwibutsa ngo 'tuyaga dukora, dukora tuyaga'".

Yijeje Abarundi bose abari mu gihugu n'impunzi kugira ijambo mu gihugu. Ati: "Guhera ubu ivy'ingimba nibihagarare…None abagiye kuturega mu makungu bageze kuki? Nibagaruke nyabuna bareke kwiha amenyo y'abatwenzi".

Yijeje impinduka mu butegetsi, avuga ko abanyagihugu badategerezwa kwumva ko abanyepolitiki aribo babashikirayo.

Ati: "Ntihagire uwiyumvira ko hari uwishikirayo kurusha uwundi, Abarundi bose barangana imbere y'amategeko natwe turi ng'aha guhagararira ayo mategeko".

Yavuze ko hagiye kungenwa indongozi zo gutunganiriza abenegihugu, ngo "ntihagire Abarundi bagwa mu mutwego w'abanyepolitikie ngo ejo niwe azonshikana aho nifuza".

Ati: "Ndabamenyesheje ko uba mu mugambwe canke utawubamwo, ufise uburenganzira bwo kugira uruhara mw'itunganywa ry'ibikorwa vy'igihugu, haba mu burongozi canke mu bikorwa ivyo ari vyo vyose".

Bwana Ndayishimiye avuga ko imvugo 'imigambwe itavuga rumwe na leta' itosubira kuronka ikibanza mu Burundi. Ati: "Utavuze rumwe na leta y'Uburundi wovuga ururimi rw'iyihe leta?".

Yagabishije ko ibimenyeshamakuru n'imiryango iharanira agateka ka zina muntu itazokwipfuza kwegera leta ngo baganire "izoba ifise uwundi shebuja".

Mu migambi y'imibereho myiza y'abanyagihugu, yijeje abakukuruke ko bagiye kuja bavuzwa ku buntu banaronswe agashahara kangana n'imiburiburi n'ako bahora baronka bakiri ku kazi

Yijeje ko hazokwubakwa ibitaro muri buri komine eka no kwitwararika umwimbu w'uburimyi "ntube gusa uwo gufungura gusa ahubwo kudandaza"

Yavuze ko yafashe vyiza mu migambi y'abo bahiganwa mu matora, ko mbere azobahamagara ngo yumve ivyo yoranguranana nabo ku neza y'Abarundi.

Imigenderanire n'amakungu

Bwana Ndayishimiye yavuze ko amakungu akwiriye kumenya ko Uburundi ari igihugu gifise ivyo gikeneye ariko naco gifise ivyo gitanga.

Yaneguye inyifato y'ibihugu vy'igihagararo vyafatiye ingingo z'ibihano u Burundi, avuga ko ivyo leta yabivanyemwo icigwa co kwongereza umwimbu w'igihugu.

Yagize ati: "Hatariho imigenderanire ishimikiye ku kwubahana, kwuzuzanya… ivyo twokora vyose mu vyo gufashanaya mw' iterambere vyoguma bigoye".

Bwana Ndayishimiye yashimye imigenderanire n'imikorere y'amashirahamwe ahuza ibihugu vy'akarere, eka akengurukira ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika ku kwugurura isoko rusangi ry'umwimbu w'Abanyafrika.

Ati: "Natwe ivyo dukora vyose dukeneye gukorana n'amakungu mu bisata bitandukanye.. .ivyo tutumva kumwe ntivyotorerwa umuti mu gukoresha igihagararo, ibiganiro niyo nzira yonyene yo gutahurana no guhanurana".

"Imigenderanire twipfuza ni uko ata bihugu vyoza biriyitirira amakungu, kugira ngo bikumire ibindi no kubifatira ingingo z'agahotoro".

Asaba ibihugu vya Afrika kwirinda inyosha mbi zobaryanisha na benewabo.

"Ku bwacu twifuza kubonana nk'Abanyafrika aho kuba abanyamahanga, tukugurura amaremba, tukubaka amabarabara adufatanya".

Ico asaba ibihugu bibanyi

Bwana Ndayishimiye yasavye amakungu kudafasha Abarundi bafise imigambi yo gusambura Uburundi.

Ati: "Dusavye ibihugu bibanyi kuba abazimyamuriro koko 'kuko umugabo umumwera ubwanwa bwaca akakumwera ubundi', tubasavye rero kuba abazimyamuriro".

Coronavirus

Bwana Ndayishimiye yavuze ko bashimira Imana ko abantu benshi batarafatwa n'ico kiza ko na bamwe mu bafashwe bamaze gukira.

Ati: "Turasaba Abarundi gufata ingamba zose zishoboka ngo ntihagire uwusubira kwandukira ico kiza".