Sudan-Israel: Trump atangaza ko bigeye kunagura imigenderanire

Sudani igize gatanu mu bihugu vy'Abarabu bimaze kwemera Isirayeli ku mugaragaro

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Sudani igize gatanu mu bihugu vy'Abarabu bimaze kwemera Isirayeli ku mugaragaro

Sudani ni ikindi gihugu co mu muryango w'ibihugu vyAbarabu (Ligue Arabe) kigiye kwunga imigenderanire na Isirayeli.

Ibi bibaye mu gihe kandi Amerika igiye gukura sudani ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba kw'isi, ingingo ituma ubutunzi bw'iki gihugu busubira ku murongo, maze abanyamitahe bagashobora gushora imitahe yabo muri ico gihugu.

Igihe yatangaza inagurwa ry'iyi migenderanire, Trump yavuze ko "n'imiburiburi ibihugu bitanu bindi" vy'Abarabu, harimwo na Arabia Sawudite, vyipfuza kunagura imigenderanire na Isirayeli.

Amasezerano hagati ya Sudani na Isirayeli abaye haciye indwi nkeya habaye ayandi nk'aya hagati y'iki gihugu n'ibihugu vya Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe na Bahrain.

Ibi bihugu bibiri vyo mu kigobe c'Abarabu vyabaye ibihugu vya mbere vyo mu burasirazuba bwo hagati vyemeye Isirayeli mu myaka 26.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu yavuze ko yakirije yompi ingingo ya Sudani, avuga ko ari "intambwe ikomeye mu gutsimbataza umutekano n'iterambere mu karere".

Itangazo ryasohowe na Sudani, Isirayeli na Leta Zunze Ubumwe za Amerika rivuga ko intumwa z'ibi bihugu zishobora guhura "mu ndwi ziri imbere".

Rivuga riti: "Abategetsi bemeye kunagura imigenderanire hagati ya Sudani na Isirayeli kugira ngo bakureho imishamirano hagati y'ibi bihugu vyabo".

Gushika mu kwezi guheze ibihugu bibiri gusa vy'Abarabu - Mirisi na Yorodani - nivyo vyari bimaze kwemera ku mugaragaro igihugu ca Isirayeli. Ibi bihugu vyompi bisanzwe bisangiye urubibe na Isirayeli vyateye igikumu ku masezerano y'amahoro n'iki gihugu mu 1979 na 1994 bihujwe ma Amerika.

Mauritania, igihugu kiri mu muryango w'ibihugu vy'Abarabu, yaremeye Isirayeli mu 2009 ariko ihagarika imigenderanire inyuma y'imyaka 10.

Abanyapalestina bariyamiriza irwirirana ry'ibihugu vy'Abarabu bigenda vyunga ubumwe na Isirayeli, bakabona ko biriko birabahemukira mu rugamba rwabo.

Muri kahise, ibihugu vy'Abarabu vyahora bisaba ko, kugira ngo bigiranire ibiganiro vy'amahoro na Isirayeli, ko ibanza kuva mu burere yigaruriye mu ntambara yo mu 1967 kandi ikemera ishingwa ry'igihugu ca Palesitine gifise Yeruzalemu y'Ubuseruko nk'umugwa mukuru waco.

Umukuru wa Palestina, Mahmoud Abbas, yatangaje ko yiyamirije aya masezerano mashasha, avuga ko ata muntu afise uburenganzira bwo kuvuga kw'izina ry'Abanyapalestina. Umuhari Hamas usanzwe ugenzura Gaza, uvuga ko iki ari "icaha ca politike".

Mu gushika aho

Haciye akanya gato Bwana Trump akuye Sudani ku rutonde rw'ibihugu bifashe mu mugongo iterabwoba, abanyamakuru i Washington baciye batumwako mu biro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche/White House aho Perezida Trump yariko avugana kuri telefone n'abategetsi ba Sudani n'aba Isirayeli.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu, yavuze ko aya masezerano ari "Intambwe idasanzwe mu mugambi w'amahoro" kandi ko ari "igihe gishasha" gitanguye.

Trump yatangaje ama masezerano igihe yariko avugana kuri telefone n'abategetsi ba Isirayeli na Sudani

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Trump yatangaje ama masezerano igihe yariko avugana kuri telefone n'abategetsi ba Isirayeli na Sudani

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok, yashimiye Perezida Trump kubona yashoboye gukura iki gihugu ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba anamenyesha ko leta ya Sudani iriko irakora kugira ngo "hatsimbatazwe imigenderanire mpuzamakungu ku nyungu z'abanyagihugu".

Igihe yari kuri telefone n'aba bategetsi babiri, Bwana Trump yavuze ati: "Uribaza ko 'uyu muntu Joe asinziriye' aba yashoboye gushika kuri ano masezerano? Ivyo ari vyo vyose, sindavyibaza".

Aya masezerano aboneka ko ari intsinzi ya Bwana Trump muri politike mpuzamakungu imbere y'amatora ategekanijwe ku wa 03 z'ukwezi kwa cumi na rimwe.

Umuhanuzi wa Trump, Judd Deere, avuga ko amasezerano na Sudani ari "iyindi ntambwe ikomeye mu gutsimbataza amahoro mu Burasirazuba bwo hagati, aho ikindi gihugu cinjiye mu masezerano ya Abraham (Abraham Accords)", izina ryahawe amasezerano yateweko igikumu na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe na Bahrain.

Sudani yari umwansi wa Isirayeli kuva ishingwa mu 1948.

Yari izwi cane nk'igihugu casohokeyemwo itangazo ryiyamiriza imigenderanire na Isirayeli mu 1967, igihe ibihugu vyo mu Muryango w'Abarabu vyakoranira mu nama ku mugwa mukuru Khartoum, ari ho vyarahira bikarengwa ko "ata mahoro na Isirayeli, ata kwemera Isirayeli, kandi ko ata biganiro nayo ".

Sudani yarawanye mu ntambara zahuje Isirayeli n'ibihugu vy'Abarabu mu 1948 na 1967, yongera iha indaro imirwi y'abarwanyi b'Abanyapalestina kandi ikaba yikekwa ko ari yo yahora irungikira ibirwanisho abarwanyi b'Abanyapalestina muri Gaza bivuye muri Irani mu kiringo c'imyaka itari mike - ivyatumye Isirayeli ikora ibitero vy'indege kuri iki gihugu.

Ibintu vyagiye guhinduka mu mwaka uheze igihe Omar al-Bashir abogorejwe inyuma y'imyaka itari mike ari ku butegetsi, maze hagaca hashingwa leta mfatakibanza ihuriyemwo abasivire n'abasirikare.

Abategetsi bakuru ba gisirikare, ari nabo basa n'abari bafise ubutegetsi, baciye bashigikira ko imigenderanire na Isirayeli yonagurwa nk'inzira yofasha ko Amerika ihagarika ibihano kuri Sudani, maze igashobora kunagura ubutunzi bugeze habi.