Donald Trump arashaka kuvana Sudan ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump avuga ko Sudani ishobora gukurwa ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba mu gihe iki gihugu coramuka kirishe indishi y'akababaro ingana n'imiliyoni 335 z'amadorari ku bakozweko n'ibitero vy'iterabwoba kuri Amerika n'imiryango yabo.
Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok avuga ko aya mafaranga yamaze kurihwa ariko ko Amerika itarashobora gushoka ivyemeza.
Sudani iri ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba kuva mu 1993, igihe uwari umukuru w'umuhari w'iterabwoba al-Qaeda, Osama bin Laden yaba muri ico gihugu ku butumire bwa leta.
Iyi ndishi y'akababaro ivugwa na Bwana Trump yerekeye ibitero vy'iterabwoba vyabaye ku biro vy'ubuserukizi bwa Amerika muri Afrika vyakozwe na al-Qaeda mu 1998.
Ibitero vyakozwe i Nairobi muri Kenya hamwe n'i Dar-es-Salaam muri Tanzania vyahitanye abantu 220, iyi ndishi igategerezwa guhabwa "abahuye n'ibitero vy'iterabwoba kuri Amerika n'imiryango yabo", nk'uko Trump abivuga.
Imigenderanire hagati ya Amerika na Sudani yarateye imbere kuva uwahoze arongoye iki gihugu Omar al-Bashir akuwe ku butegetsi inyuma y'imyiyerekano y'abanyagihugu yo mu mwaka uheze. Omar al-Bashir yarongoye ico gihugu mu kiringo c'imyaka 30.
Mu gihe Sudani yokurwa ku rutonde rw'ibihugu bifasha iterabwoba, yoba ari inkuru nziza kuri kino gihugu, aho imfungurwa, igitoro n'imiti bibandanya bikena kandi bikagurwa ibitagenda.
Trump yavuze iki neza na neza?
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, Donald Trump yanditse ati: "Inkuru nziza cane ! Leta nshasha ya Sudani, imaze gutera intambwe nini, yemeye kwishura imiliyoni 335 z'amadolari y'abahuye n'ivyago vy'iterabwoba kuri Amerika n'imiryango yabo".
"Mu gihe aya mafaranga yotangwa, noca nkura Sudani ku rutonde rw'ibihugu bifashe mu mugono iterabwoba. Hanyuma, UBUTUNGANE ku banyamerika ni intambwe NINI kuri Sudani!".
Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika arafise ububasha bwo gukura igihugu ku rutonde rw'ibihugu bishigikiye iterabwoba. Inama nshingamateka ifise ikiringo c'iminsi 45 kugira iyiburizemwo.
Sudani ni igihugu kigira kane muri kino gihe - inyuma ya Irani, Koreya y'Uburaruko na Syria - kuri uru rutonde rw'ibi bihugu bifasha iterabwoba kw'isi.
Sudani ibivugako iki?

Ahavuye isanamu, AFP
Haciye akanya gato yanditse ubwo butumwa, Bwana Hamdok yaciye amenyesha ko ayo mafaranga yatanzwe, nk'uko bivugwa n'imboneshakure ya leta ya Sudani.
Kuriha ayo marafanra "nico ca nyuma gisabwa" kugira ngo Sudani ikurwe ku rutonde rw'ivyo bihugu bishigikiye iterabwoba.
Bwana Hamdok avuga ko Sudani irindiranye igishika ubutumwa bahabwa n'abategetsi ba Amerika. Kuba iki gihugu cari kuri runo rutonde vyaragize ingaruka mbi cane.
Kw'igenekerezo rya 07 z'ukwezi kw'umunani mu 1998, amakamyo yari yuzuye ibibombe yaturikiye hafi umwanya umwe ku biro vy'ubuserukizi bwa Amerika i Nairobi n'i Dar es Salaam.
Abantu barenga 200 barapfuye ku mugwa mukuru wa Kenya, hamwe n'abandi bashika 11 i Dar es Salaam, igisagara gikuru ca Tanzania. Abaharurwa mu bihumbi nabo barakomerekeye muri ivyo bitero.
Abenshi muri bo bari abasivire.










