Sudan: Omar al-Bashir yahoze arongoye ico gihugu yaciriwe umunyororo w'imyaka ibiri

Omar al-Bashir avuye mu biro vy'umushikirizamanza ku mugwa mukuru Khartoum mu kwa gatandatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Omar al-Bashir avuye mu biro vy'umushikirizamanza ku mugwa mukuru Khartoum mu kwa gatandatu

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Sudani Omar al-Bashir yaciriwe umunyororo w'imyaka ibiri inyuma y'aho yagiriwe n'icaha c'ukurya ibiturire.

Uwo rubanza rwari rwerekeye amahera angana n'imiliyoni 25 z'amadolari y'abanyamerika yatowe mu nzu iwe inyuma y'ukubogozwa mu kwezi kwa kane kw'uyu mwaka.

Bwana Bashir yavuze ko ayo mahera yari yayahawe nk'agashirukabute n'umuryango w'umwami wa Arabia Saoudite.

Habaye akavuyo mu gihe urwo rubanza rwariko rurumvirizwa, aho abamushigikiye bateye akaguma , bikaba ngombwa ko abajejwe umutekano babasohora ku nguvu.

Sentare yakubise inkoni ngufi mu kumucira uwo munyororo w'imyaka ibiri, mu gihe yari yiteze gupfungwa imyaka cumi.

Vyongeye ntazopfungirwa mw'ibohero risanzwe. Ku myaka 75 afise, abacamanza bamurungitse mu citwa ikigo c'uguhindura imibereho - ibibonwa n'abanyasudani batari bake ko yarokotse.

Vyongeye kandi, Bwana Bashiri ariko akorwako amatohoza ku ruhara yagize mw'itembagazwa ry'ubutegetsi mu mwaka wa 1989 ariryo ryamushikanye ku butegetsi.

Hagati aho, hari ikibazo nyamukuru nimba azorengutswa na sentare ya Sudani canke sentare mpuzamakungu ku vyaha vyo mu ntambara yagirizwa mu kiringo c'imyaka 30 yamaze atwaza umukazo.

Asanzwe aronderwa n'iyo sentare mpuzamakungu ikamwagiriza ihonyabwoko mu ntara ya Darfour, aho abantu bagera ku 00.000 bishwe.

Ku munsi wa kane naho, umugore wiwe wa kabiri, Widad Babiker Omer, yarahagaritswe ku munsi wa kane muhira iwe.

Yari amaze igihe apfungishijwe ic'amaso, akaba yagirizwa ko afise amatongo n'ama compte mw'ibanki bidaciye mu mategeko, ejo akaba yarumvirijwe n'inyamiramabi.