Israel na UAE vyateye umukono ku masezerano y'amahoro no kwunga imigenderanire

Ahavuye isanamu, Reuters/Getty Images
Ibihugu vya Isirayeli na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (EAU) vyashitse ku masezerano yo kwunga imigenderanire, ibi bikaba bitangazwa na Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Mw'itangazo rusangi ryasohowe na Perezida Trump, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli hamwe n'igikomangoma Mohammed Al Nahyan wa Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu, abo bategetsi bose bavuga ko bizeye ko "aya masezerano y'imbonekarimwe azotsimbataza amahoro mu karere k'uburasirazuba bwo hagati".
Muri ayo masezerano, Isirayeli yemeye guhagarika umugambi wayo wo kwigarurira agace ka Cisjordanie (West Bank) - ubutaka Abanyapalestine bifuza nk'igihugu.
Gushika ubu, Isirayeli nta migenderanire yari ifitaniye n'ibihugu vyo mu kigobe c'Abarabu.
Uwuserukira EAU muri Amerika, Yousef Al Otaiba, yasohoye itangazo aho amenyesha ko iyi ari "intsinzi ya diplomasi ndetse n'akarere".
Ati: "Ni intambwe ikomeye mu migenderanire hagati y'Abarabu na Isirayeli izotuma icuka kibi kigabanuka, kandi itanga icizere c'impinduka nziza".
Aya masezerano abaye amasezerano y'amahoro agize gatatu hagati ya Isirayeli n'Abarabu kuva Isirayeli isohoye itangazo ryo kwikukira mu 1948.
Misiri niyo yatanguye kugiriranira amasezerano y'amahoro ya mbere n'iki gihugu c'Abayahudi mu 1979, ikurikirwa na Yorodaniya mu 1994.
Mu ndwi ziri imbere, intumwa za Isirayeli na EAU zizohura kugira ngo zigiriranire amasezerano ajanye n'uburwizatunga, ubukirarugendo, ingendo z'indege, umutekano, uguhanahana amakuru, ubuhinga, amasoko ntangaguvu, amagara y'abantu, imico, ibidukikije, hamwe no kwugurura ibiro vy'ubuzerukizi muri buri gihugu.
Ibi bihugu kandi bizoja hamwe na Amerika mu gushiraho "Integuro y'imigambi yo mu Burasirazuba bwo Hagati", nk'uko biri muri iryo tangazo rusangi.
Abo bategetsi bose bavuga ko bafise "imbono imwe ku vyerekeye inzitizi n'amahirwe biri mu karere, ko bose hamwe biyemeje gutsimbataza umutekano biciye mu migenderanire myiza, gutsimbataza imigenderanire mu vyo ubutunzi, hamwe no mu gutsimbataza umutekano".










