Guinea: Amajwi y'amatora yabayemwo imishamirano ari guharurwa

Ahavuye isanamu, Reuters
Amajwi y'amatora y'umukuru w'igihugu wa Guinea arabandanya guharurwa, aho Alpha Condé w'imyaka 82, arongoye ico gihugu ariko ararondera gutorerwa ikiringo kigira gatatu.
Ibiharuro vy'imfatakibanza bitegerezwa gutangazwa mu masaha 72 inyuma y'iyugarwa ry'ibiro vy'amatora, nk'uko biri mw'itegeko rigenga amatora.
Abahiganwa muri ayo matora bazoba bafise iminsi umunani yo kwitura sentare, ivyo bitabaye, ntawuzoba akivuguruje ivyayavuyemwo.
Abahiganwa bakeneye amajwi arenga ibice 50% kugira batahukane intsinzi, bitagenze uko, hazoca haba ayandi matora itariki 24 z'ukwezi kwa cumi na rimwe.
Hari abandi cumi bariko barahiganirwa ico kibanza.
Amatora yo kuri uyu w'Imana yabayemwo imishamirano myinshi n'aho umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, Damantang Camara, avuga ko ata mishamirano ikomeye yabaye.
Yavuze ko atewe impungenge n'itangazo ry'umukuru w'umugambwe utavuga rumwe na reta UFDG (Union of Democratic Force of Guinea), Cellou Dalein Diallo, yavuze ko ashobora kutemera ivyavuye mu matora mu gihe atotahukana intsinzi.
Yahamagariye abariko barahiganwa muri ayo matora kwirinda gushikiriza amatangazo aca ivutu.

Ahavuye isanamu, Reuters










