DR Congo: WHO mw'itohoza ku bakozi bayo baregwa amabi ku bagore mu gihe barwanya Ebola

Ahavuye isanamu, Thomson Reuters Foundation
Ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO ryemeye ko rigiye gukora amatohoza ku bakozi bari bajejwe kurwanya ikiza ca Ebola muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo bavugwa ko boba barakoreye vya mfurambi abagore.
Abakozi ba OMS/WHO hamwe n'abandi b'amashirahamwe y'abagiraneza baragirijwe n'abagore 50 mu matohoza yakorewe hamwe n'amatororokanirizo abiri y'amakuru.
Abagore bo mu burere bariko bakoreramwo bavuga ko bahawe ibinyobwa, baterwa mu mavuriro, maze bategekwa gukora imibonano mpuzabitsina, mbere babiri muri bo bakaba baratewe inda.
Ibi bivugwa ko vyoba vyakozwe hagati ya 2018 n'ukwa gatatu uno mwaka wa 2020.
Amatororokanirizo abiri y'amakuru, New Humanitarian, hamwe na Thomson Reuters Foundation amaze hafi umwaka wose akora amatohoza.
OMS ivuga ko itegerezwa gukora "amatohoza yimbitse" kuri ibi birego bitegerezwa.
Mw'itangazo yasohoye, OMS ivuga iti: "Umuntu uwo ari we wese azoboneka ko yagize uruhara azobibazwa, kandi abone n'ingaruka mbi yavyo, harimwo no kwirukanwa ubwo nyene".
"Guhemukira abanyagihugu turiko turafasha birahanwa".
Ishirahamwe ONU hamwe n'amahirahamwe y'abagiraneza yaratangaje ko atazigera yihanganira ihohoterwa rishingiye ku gitsina inyuma y'ibirego bisa n'ibi ku bakozi babo bo mu bindi bihugu.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubwongereza avuga ko bazokwihweza neza ibizova mu matohoza ya OMS.
Ati: "Ugusambanya n'ihohotera rishingiye ku gitsina ni ikibi kibishe. Igihe cose twama dusuzuma abafatanyabikorwa bacu bose ku bijanye n'inyifato itegerezwa kubaranga".
Abaregwa n'aya matohoza gusumba abandi?
Abavugwa hafi bose muri ibi bikorwa vy'ubusambanyi n'uguhohotera abagore ni abagabo, harimwo n'abaganga, bavugwa ko bakorera ishirahamwe OMS. N'imiburiburi abagore 30 nibo babagirije nk'uko aya matororokanirizo y'amakuru abivuga.
Abandi benshi bagirizwa ni abagabo bavugwa ko bakomoka mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu bwa Congo, aho bagirizwa n'abagore umunani.
Hari n'ayandi mashirahamwe abiri yegukira ishirahamwe ONU, hamwe n'amashirahamwe mpuzamakungu y'abagiraneza ane, nayo nyene aravugwa muri iki cegeranyo.

Ahavuye isanamu, Thomson Reuters Foundation
Bamwe mu bagabo bagirizwa ibi bavuye mu Bubirigi, Burkina Faso, Canada, Ubufaransa, Guinea-Conakry hamwe na Cote d'Ivoire.
Benshi muri bo baranse no kwambara udukingirizo, abagore n'imiburiburi babiri bakavuga ko batewe inda basambanijwe, nk'uko aya matororokanirizo y'amakuru abivuga.
Ibindi bivugwa n'aba bagore ?
Umugore w'imyaka 25 yari afise akazi ko gukora isuku yasubiwemwo amajambo avuga ko yatumiwe muhira ku muganga wa OMS kugira ngo bavugane ingene ashobora kumuronderera akandi kazi kisumbuye.
Uyu mugore ati: "Yaciye yugara umuryango aca ambwira ati: 'Ubanza kwemera ikintu kimwe. Tubanza kuryamana ubu nyene',".
"Yaciye atangura kunyambura impuzu. Naciye nigira inyuma ariko arabandanya ankura impuzu. Naciye ntangura kurira antegeka kunuma...ntiyahagaritse. Niho nugurura umuryango nca ndiruka".

Ahavuye isanamu, EPA
Uwundi mugore w'imyaka 32 yarokotse Ebola yabwiye aya matororokanirizo y'amakuru ko yatumiwe mw'ihoteli kugira ngo agirwe inama y'ingene akwiye kwifata.
Mu kumuhenda, bamuhaye ikinyobwa. Avuga ko yagiye kwikangura haciye amasaha, asanga ari gusa kandi wenyene mu cuma c'iyo hoteli, avuga ko yasambanijwe ku nguvu.
Kubera iki aba bagore bakorewe vya mfura mbi?
Benshi muri abo bagore bavuga ko bategetswe gusambanywa kugira bahabwe akazi.
Abagore bavuga babasanga mu maduka manini mu gisagara ca Beni kiri mu buseruko bwa Congo, mu bigo bishinzwe kurondera akazi, hamwe no ku mavuriro, amahanikwa intonde z'abashoboye guhabwa akazi.
Umugore umwe yasubiwemwo amajambo aho avuga ati: "Ingeso y'abagabo yo gusaba igitsina imaze kumenyerwa cane ku buryo aribwo buryo bwonyene bwo guhabwa akazi".
Abarenga 2,000 nibo bahitanywe na Ebola muri Congo.
OMS yafashe iya mbere mu twigoro tw'amakungu two kurwanya iki kiza, mu kwa gatandatu kw'uyu mwaka ikaba yatangaje ko caheze.










