DR Congo: Ebola 'yarangiye' mu buraruko bushira ubuseruko

Abantu barenga 2200 barahitanywe na Ebola mu karere k'uburaruko bushira ubuseruko bwa Congo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu barenga 2200 barahitanywe na Ebola mu karere k'uburaruko bushira ubuseruko bwa Congo

Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo itangaza ko akarere k'ubuseruko bw'ico gihugu ubu katakirangwamwo Ebola, inyuma y'amezi arenga abiri ata wundi murwayi abonetse.

Ivyo bimenyeshwa n'ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO) risubiramwo ivyatangajwe na Dr Longondo Eteni, umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Congo.

Ivyo bimenyeshejwe haciye iminsi 40 ata wundi murwayi wa Ebola abonetse mu ntara ya Kivu y'uburaruko hamwe na Ituri, zose ziri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo.

Umurwayi wa nyuma yaheruka kuvugwa ku wa 06 z'ukwa kane.

Umukuru w'ishirahamwe OMS muri Afrika Dr Matshidiso Moeti, avuga ko iyo ndwara yarwanijwe muri ako karere kubera ugukorana hagati y'inzego zitandukanye be n'abanyagihugu.

Mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru biciye ku buhinga bwa none, Dr Moeti yavuze ati: "Iki ni icizere ko ugufatana mu nda be n'ubuhinga bigiye hamwe indwara z'ivyaduka zishobora kuranduranwa n'imizi".

Kugira ngo ikiza gitangazwe ko carangiye, hategerezwa kuba haciye iminsi 42 kuva umuntu wa nyuma avuye mu bitaro amaze gupimwa agasanga ntakirwaye.

Ikiza ca Ebola cadutse mu kwa munani 2018 ni co cagira kabiri gikomeye aho abarenga 3400 banduye nayo abarenga 2200 kirabahitana, inyuma y'ico mu 2014 muri Afrika y'Uburengero.

Nico ca mbere kandi cadutse mu karere karimwo intambara, aho ibitero birenga 420 vyakozwe n'imirwi y'inyeshamba ku bigo vy'amavuriro, ivyatumye utwigoro two kurwanya ico kiza tugenda ducumbagira.

Iyo nkuru ije nk'ihumure mu gihugu kandi gihanganye na wa mugera coronavirus hamwe n'ikiza c'agasama kitari bwigere kiboneka kw'isi nzima.

Hagati aho, haravugwa ko Ebola yibonekeje mu bindi bice vy'igihugu - ku ncuro ya 11 mu mateka y'ico gihugu - mu buraruko bushira uburengero.

Ku wa 01 z'uku kwa gatandatu, niho leta y'ico gihugu yatangaza umurwayi wa mbere wa Ebola mu ntara ya Mbandaka.