USA: Umwigeme yatangishijwe ihadabu inyuma y’imyiyerekano yateguye yiyamiriza ivanguramoko

Umwigeme yateguye imyiyerekano y'amahoro muri rya sekeza rya Black Lives Matter mu ntara ya New Jersey muri Amerika yasabwe gutanga amadolari hafi 2500 y'ihadabu yagirizwa ko yakoresheje igipolisi.

Emily Gil umwigeme w'imyaka 18 avuga ko yateguye iyi myiyerekano mu ntumbero yo gushigikira imyiyerekano yo kwiyamiriza ivangura rishingiye ku rukoba be no kugaragaza ikibazo c'amazu azimvye.

Ariko yagiye gutangara mu nyuma abonye umukuru w'akarere muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika amurungikiye fagitire.

Umukuru w'akarere ka Englewood Cliffs yabwiye radio televiziyo CBS ikorana na BBC ko yariko arafuta ibirego uyo mwigeme yagirizwa.

Emily Gil avuga ko iyi myiyerekano yateguye muri ako karere ku wa 25 z'ukw'indwi yamaze hafi iminota 90 gusa, kandi ko yari yitabwe n'abantu bake cane, bari hagati ya 30 na 40.

Avuga ko atari azi ko yari gufava atangishwa ihadabu gushika aho aboneye arungikiwe urwandiko rumutegeka kuriha.

Yabwiye CBS ati: "Jewe naratangaye mbonye urwandiko runtegeka kuriha amande mu gihe nakoze ivyo mpabwa n'amategeko".

Umukuru w'akarere ka Englewood Cliffs Mario Kranjac avuga ko ako karere gafise uburenganzira bwo gutoza amahera ku bikorwa vyihariye vyakoreshejwe igipolisi.

Ati: "Twama twarihishije …. Ibikorwa vy'ugusiganwa ku makinga, canke vyo kwiruka, eka ibikorwa ivyo ari vyo vyose bituma igipolisi cacu gikoreshwa".

Mu nyuma yahavuye avuga ko ariko arafuta iyo hadabu yaciriwe uyo mukobwa, akavuga ko yashaka "kwemeza ko uburenganzira buri muntu ahabwa n'ibwirizwashingiro bwubahirijwe".

Avuga ko ata kibazo afitaniye n'iyo myiyerekano kandi ko yariko arakora uko ashoboye kwose kugira ngo atorere umuti ikibazo c'amazu azimvye.