Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubufaransa bugiye kwitirira amabarabara intwari za Afrika zo mu ntambara ya kabiri y'isi yose
Ubushikiranganji bw'ingabo z'u Bufaransa bwahaye abategetsi b'uburere urutonde rw'Abanyafrika 100 barwaniye u Bufaransa mu ntambara ya kabiri y'isi yose, kugira ngo bitiriwe amabarabara n'ibibanza bikuru bikuru.
Iyo ngingo y'u Bufaransa yo gusubira kwihweza kahise kabwo k'ubukoloni itumwe n'imyiyerekano iriko iba kw'isi yose yiyamiriza ivangura rishingiye ku rukoba hamwe n'isekeza ryiswe Black Lives Matter (Ubuzima bw'Abirabure bufise Agaciro).
Hari abasirikare bakomoka muri Senegali no muri Afrika y'uburaruko bari kuri urwo rutonde, ariko nta n'umwe ari mu cahoze citwa Indo-Chine.
Abanyafrika baragize uruhara rukomeye mu ntambara yo kubohoza u Bufaransa mu 1944.
Mu gihe yariko ashikiriza ako gatabo karimwo ayo maziya gafise impapuro 210, umushikiranganji w'ukwivuna abansi w'Ubufaransa, Geneviève Darrieussecq yavuze ati: ""Amazina, isura n'ubuzima bw'izi ntwari za Afrika bitegerezwa kuba mu bigize ubuzima bwacu nk'abenegihugu bigenga, kuko iyo bataba bo ntituba twararonse ubwo bwigenge".
Mu kwezi guheze, igishusho ca Jean-Baptiste Colbert, yatunganije amategeko agenga ibihugu vyari mu bukoloni bw'u Bufaransa mu kinjana ca 17, carononywe.
Ni mugihe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'i Bulaya ibishusho vyinshi bifitaniye isano n'ubucakara n'ubukoloni vyabomowe canke bikononwa.
Umupfasoni Darrieussecq yabwiye abarongoye uburere ati: "Hakubomora, ndabasavye mwubake. Hakubifutanganya, ndabasavye ko mworaba ingene ibibanza nyamukuru bihinduka bikaba ibibanza vyo kwigishirizamwo".
Avuga ati: "Uno munsi ni amabarabara make cane yitirirwa izi ntwari zikomoka muri Afrika zarwanye urugamba, rero intumbero ni ukwubaka".
Avuga ko igishusho canke izina ry'ibarabara bitegerezwa kwerekana uruhara rw'intwari y'umunyafrika.
Mu kwa mbere, mu gisagara ca Bandol kiri mu bumanuko, ikibanza gikuru caritiriwe abasirikare b'Abanyafrika bagize uruhara mw'ibohoza ryaco. "Ikibanza c'ubwigenge" (Place de la Liberté) ciswe "Ikibanza c'abarwanizi b'Abanyafrika" (Place des Libérateurs Africains).
Abanyafrika barenga 400.000 bari mu ngabo zigenga z'u Bufaransa (Forces de la France Libre) baragize uruhara mu ntambara yo mu bumanuko bw'u Bufaransa mu kwa munani 1944, mu rugamba rwari rwataziriwe "Opération Dragon".
Bagize uruhara rukomeye mu ntambara zikomeye zo guhabuza uburere bwa Toulon na Marseille.
Iyo ntambara yagize uruhara rukomeye mu kwomora ingabo z'Abanazi b'Abadagi mu bumanuko, mu gihe ingabo zindi zarwanira mu buraruko zariko zigana mu bumanuko, inyuma y'igitero ca Normandie mu kwa gatandatu.
Inyuma y'aho aba Nazi batereye mu Bufaransa mu 1940, Abanyafrika benshi bari mu bihugu vyari mu bukoloni bw'u Bufaransa baritanze mu ngabo z'Ubufaransa zari zirongowe na Jenerali De Gaulles.
Hafi 400.000 bavuye muri Alijeriya, Maroke, na Tuniziya, abandi barenga 70.000 bava muri Senegali no mu bindi bihugu vyo munsi y'ubugaragwa bwa Afrika.
Mu birori vyo kwibuka urugamba Opération Dragon, Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yarashimagije Abanyafrika bagera ku bice birenga 80% muri urwo rugamba. Yabajije ati: "Gushika ubu muri twebwe uno munsi ni nde yibuka amazina yabo canke isura zabo?"
Sira Sylla, umushingamateka ari mw'isekeza ryo guha iteka rikwiriye uruhara rw'Abanyafrika mu kurwanira igihugu c'u Bufaransa, yakiranye igishika uwo mugambi wa leta.
Ati: "Uvyemera utavyemera, basekuru babo baragize uruhara mu kubohoza Ubufaransa".
Kubw'iwe, kahise k'igihugu cabo na kahise ka Afrika bifitaniye isano, agasaba ko mu maguru masha ivyo bikwiye kwigishwa.