Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Andy Mwag: Ivyo ndirimba muri 'Nisaidie Papa' vyambayeho
Umuririmvyi w'Umurundi Andy Mwag, aheruka gusohora indirimbo ziryoheye ugutwi, avuga ko mu vyo aririmba harimwo ubuzima bubi yaciyemwo.
Ni indirimbo zivanzemwo ikirundi, ikinyarwanda igifaransa, icongereza hamwe n'igiswahiri, vyumvikana ko zitondewe muri studio wumvirije ingene zivuga.
Andy Mwaga, asanzwe yitwa Ndabaneze Andre, yatanguye kuririmba mu mwaka w'2007.
Kuri ubu aba mu gihugu c'u Rwanda kuva mu 2015 akaba yubatse afise n'abana babiri.
Igihe yatangura kuririmba, yatanguriye mw'isengero, hanyuma nk'uko avyivugira aca aja muri "bands zisanzwe", n'ukuvuga imigwi y'umuziki itaririmba indirimbo z'Imana.
Wumvirije neza indirimwo za Andy Mwaga, nk'indirimbo Get There canke Amarira, wumva umudiho ukwibutsa abaririmvyi ba rurangiranwa nka Lokua Kanza wo muri Kongo canke Ismael Lo wo muri Senegal.
Kanatsinda Andy Mwag we nyene arivugira ko Lokua Kanza ari mu baririmvyi bamuhaye ingoga zo kuririmba, anafatirako mu kwandika ibihangano vyiwe.
Wumvirije indirimbo nyinshi zisohoka muri iki gihe yaba mu Burundi canke mu Rwanda, usanga ahanini zibanda ku mudiho utambika, indirimbo za Andy Mwaga ziruhura amaguru kuko uca wumva ushaka kwicara ukumviriza, zigashika ku mutima.
"'Nisaidie Papa' ivuga ubuzima naciyemwo"
Mu kiganiro yagiranye na BBC, Andy Mwaga avuga ko indirimbo yiwe ikunzwe Nisaidie Papa, yayanditse afatiye ku buzima bwiwe bwite.
Nta vyinshi yabivuzeko ariko ababaye mu Burundi mu mpere y'imyaka y'1990, baribuka ko hibonekeje abana benshi bo mw'ibarabara ahanini kubera intambara.
Ico gihe mu gisagara ca Bujumbura haradutse abana benshi baza barasaba mw'ibarabara uwo bahuye nawe wese, bavuga mu giswahili bati "Nisaidie papa" bisigura mu kirundi ngo "mfasha papa".
Si kenshi mu karere haza abaririmvyi baririmba bigashika ku mutima, bazi umuziki (kuvuza ivyuma bitandukanye) kandi bafise igihagararo n'igikundiro.
Niyabandanya ku murindi ariko, abakunzi b'umuziki nabo bakemera kumutiza ugutwi, nta nkeka ko Andy Mwaga ari mu bahagarariye kazoza keza k'umuziki wo mu Rwanda no mu Burundi.