Ubuyapani buriko buhimbaza imyaka 75 iheze intambara ya kabiri y’isi yose irangiye

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa mbere w'u Buyapani yemeye "kutazongera gutera ivyago vy'intambara", aho hari mu birori vyo kwibuka imyaka 75 igihugu ciwe kimanitse amaboko mu Ntambara ya Kabiri y'Isi Yose.
Uno munsi ku wa gatandatu, Shinzo Abe yavuze ati: "Tuzobandanya twubahiriza ivyo twiyemeje".
Yahimbaje uyu munsi mu kurungika ituro mu rusengero rwo kwibukiramwo abaguye mu ntambara muri Tokiyo rutabonwa kumwe, ariko we ubwiwe akaba atahishikiye.
Hagati aho, abashikiranganji bane nibo bagiye ku rusengero rwa Yasukuni, mu gikorwa gishobora gushavuza Ubushinwa na Koreya y'Epfo.
Nibwo bwa mbere mu myaka ine abategetsi nk'abo bo hejuru bashitse kuri urwo rusengero, mu ntumbero yo kwibuka abategetsi bakuru bakuru baciriwe imanza z'ivyaha vyo mu ntambara, hamwe n'abapfiriye mu ntambara.
Umushikiranganji w'indero Koichi Hagiuda yabwiye abanyamakuru ati: "Nerekanye icubahiro canje… ku buzima bw'abitanze mu gihe c'intambara".
Umukuru w'igihugu ca Koreya y'Ubumanuko, Moon Jae-in, ntaco yavuze kuri izo ngendo mw'ijambo ryiwe ryo kuri uno wa gatandatu.
Kuri uno munsi usanzwe uzwi nk'umunsi wo kwihobora, Perezida Moon ahubwo yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko leta yiwe yiteguye kwicarana n'Ubuyapani imbonankubone umwanya uwo ari wo wose kugira ngo baganire ku mpari zisanzwe zihari kuva kera.
Koreya y'Ubumanuko n'Ubuyapani ntibumvikana ku bijanye n'indishi y'akababaro Abanyakoreya bohabwa ku bikorwa vy'inguvu bakoreshejwe igihe Ubuyapani bwigarurira ico gihugu kuva mu 1910 gushika 1945.

Ahavuye isanamu, Reuters
Muyi iyo ntambara n'Ubuyapani, bivugwa ko Abongereza n'incuti zabwo zo mu muryango wa Commonwealth bashika 71.000 bahazise ubuzima, harimwo n'impfungwa zo mu ntambara zishika 12.000.
Abandi baharurwa mu mamiliyoni nabo barapfuye igihe Ubuyapani bwari bwigaruriye ibihugu vy'Ubushinwa na Koreya y'Ubumanuko.
Ubuyapani bwagiye gushira amaboko hejuru haciye iminsi mike gusa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziteye vya bibombe ruhonyanganda vy'ubumara ku bisagara vya Hiroshima na Nagasaki ku magenekerezo ya 6 na 9 z'ukwa munani 1945.
Ni igihe Ubudagi bwobwo bwari bwamaze gutsindwa mu kwa gatanu, ariko Ubuyapani bukanka guhagarika intambara.
Ivyo vyavuye ku mico y'Abayapani ico gihe, aho kuri bo kwishikana vyafatwa nk'ubuhemu.
Hagati aho, ku wa 15 z'ukwa munani 1945, umwami w'abami w'Ubuyapani, Hirohito, mu bitari bimenyerewe, yashikirije ijambo igihugu amenyesha ko igihugu ciwe gihagaritse intambara.
Aho hari inyuma y'impari zitari nke hagati y'abategetsi b'Ubuyapani, aho bamwe bashaka kubandanya intambara, abandi nabo bagashaka ko ihagarara, batinya ko Amerika yashobora kubandanya itera ivyo bibombe vy'ubumara vyari gutuma igihugu gifudika.
Amasezerano ntabanduka yo guhagarika intambara burundu yagiye guterwako igikumu ku wa 02 z'ukw'icenda uyo mwaka nyene.
I Bulaya, intambara yahagaze ku wa 08 z'ukwa gatanu, itariki Ubudagi bwamanikiyeko amaboko bwemera ko bwatsinzwe, ariko intambara ikaba yabandanije ibica bigacika mu karere ka Aziya no mu mazinga yo mw'ibahari Pasifike kubera Ubuyapani.










