Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coronavirus: Putin avuga ko urucanco rwemejwe ko rushobora gukoreshwa
Umukuru w'igihugu c'u Burusiya, Vladimir Putin, avuga ko urucanco rwakorewe muri ico gihugu rwo gukinga Covid-19 rwamaze kwemezwa ko ari nyarwo inyuma y'amezi adashika abiri ruriko rurageragerezwa ku bantu.
Perezida Putin avuga ko urwo rucanco rwakorewe umwihwezo wose utegerezwa, yongerako y'uko n'umukobwa wiwe yamaze kuruhabwa.
Abategetsi bavuga ko bafise integuro yo gucandaga abanyagihugu mu kivunga kuva mu kwezi kw'icumi.
Abahinga berekanye amakenga ku kuntu urwo rukingo rwihutishijwe n'Uburusiya, bakabona ko abashakashatsi bashaka gufata inzira ya hafi.
Mu gihe hari ubwoba ku ngaruka zarwo, umuryango witaho amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, mu ndwi iheze wasavye Uburusiya gukurikiza amategeko mpuzamakungu ku bijanye no gukora urucanco rwa Covid-19.
Urwo rucanco rw'Uburusiya ntiruri ku rutonde rw'incanco zitandatu za OMS zemewe kugeragezwa ku rugero rwa gatatu, harimwo no kuzigeragereza ku bantu.
Mu gihe avuga ko ari urwa mbere kw'isi, Perezida Putin amenyesha ko uru rucanco rwakozwe n'ikigo Gamaleya c'i Moscou, ari "urukingo nyarwo" rwo kurwanya coronavirus.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu, Mikhail Murashko, avuga ko uru rucanco "rwerekanye ko rukora neza kandi ko ata ngaruka rufise", akavuga ko ari intambwe ikomeye mu nzira yo gutsinda Covid-19.
Urwo rucanco rwiswe Sputnik V, izina rifatiye ku kigendajuru ca mbere c'igihingurano cabaye kw'isi, rigafatwa n'Uburusiya nk'intsinzi kuko kibaye igihugu ca mbere kwemeza urucanco, nk'uko bivugwa n'umwe mu bategetsi b'iki gihugu asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Kirill Dmitriev arongoye ikigega c'Uburusiya, RDIF, avuga ko iki gihugu kimaze kuronka ibihugu birenga 20 vyamaze gusaba urwo rucanco ku rugero runganga n'umuliyaridi.
Mu ndwi iheze, leta y'Uburusiya yatangaje ko yariko irategura gutangura gucandaga abanyagihugu mu kivunga inyuma y'aho imenyeshereje ko yakoze igerageza ry'urwo rucanco.
Kw'isi hari incanco zirenga 100 ziriko zirakorwa, zimwe muri zo zikaba ziriko zirageragerezwa ku bantu.
N'aho urwo rucanco rwihuse, abahinga nka bose babona ko ata rucanco ruriko ruraboneka kw'isi yose imbere ya 2021 hagati.
Kw'igenekerezo rya kane rya kuno kwezi kw'umunani, umuvugizi wa OMS, Christian Lindmeier, yabwiye abanyamakuru ati: "Rimwe na rimwe abashakashatsi ku giti cabo baravuga ko babonye ikintu, ni vyo ko ico kiba ari ikintu gikomeye".
"Ariko ikibazo nyamukuru ni ukuronka urucanco rukora, kandi bibanje guca mu nzira zose zikenewe".