Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid-19: abahinga bavuga ko imigera yayo yoba yari imaze imyaka itari mike izunguruka mu buhungarema
Imigera ya coronavirus yandukira abantu ifise kuba yari imaze imyaka iharurwa muri mirongo izunguruka mu buhungarema (uducurama mu kinyarwanda) ariko itarashobora kumenyekana.
Ubushakashatsi bwerekana ko hari ubwoko bwa hafi cane bw'uwu mugera utera Covid-19 woba watanguye kuboneka mu buhungarema mu myaka irenga 40 iheze.
Abahinga bavuga ko yamaze igihe igenda ihinduka mu buryo bwo gushobora kwandukira abantu.
Bavuga kandi ko ibi bitera amadidane ku bivugwa na bamwe n'abandi ko uwu mugera utera covid-19 woba wacorotse amazu y'ubushakashatsi (laboratoires).
Prof. David Robertson yigisha kuri kaminuza ya Glasgow mu Bwongereza ni umwe mu bakoze ivyo vyigwa vyagiye gutangazwa mu kinyamakuru c'ubushakashatsi Nature Microbiology.
Yavuze ko iyi migera itera coronavirus yari mu buhungarema kandi ko yagiye ihinduka mu kiringo c'imyaka mirongo n'iyindi.
Yabwiye BBC ati: "Ivyo bivuga ko iyi migera yashobora kwandukira kiremwamuntu haciye igihe".
"Igikenewe ubu cane cane ni ukumenya ukungene yashoboye gutandukira umuntu. Nimba koko twemera ko iyi migera yari imaze igihe izunguruka mu buhungarema, dukeneye kurushirizaho mu kwihweza iki kintu".
Kubw'iwe, ni nkenerwa ko hakurikiranwa neza izindi ndwara zishobora gutandukira abantu, hakabandanya hakorwa ubushakashatsi ku buhungarema mu ntumbero yo gukinga ibizakaranda nk'ibi muri kazoza.
Prof Robertson avuga ati: "Nimba uwu mugera umaze imyaka iharurwa muri mirongo, ni ukuvuga ko waronse akaryo ko kwandukira n'ibindi biremwa, harimo n'abantu".
Abashakashatsi bagereranije ibice nyubakamubiri vya Sars-CoV-2 n'ivyo mu mugera ugendanwa n'ubuhungarema, umugera uzwi kw'izina rya RaTG13, hamwe n'iyindi migera ifitaniye isano n'iyo mu buhungarema.
Yose ifise amamuko amwe, umwe umwe wose ukaba wagiye uhindagurika ukwawo mu kiringo c'imyaka itari mike.
Prof Mark Pagel yigisha kuri kaminuza ya Reading ariko atari mu bakoze ubwo bushakashatsi avuga ko imigera ya coronavirus yandukira abantu imaze imyaka hagati ya 40 na 70 izunguruka mu buhungarema ariko ikaba itashoboye kuboneka.
"Iki ni ikintu gikomeye cane cerekana ingene ibikoko bishobora kwanduza abantu - rero hashobora kuba hari imigera myinshi yinyegeje mu bikoko kandi itaramenyekana ishobora kwandukira abantu".
Iyo migera ishobora kuba yagiye yinjira no mu bindi bikoko vyo mw'ishamba, ariko gushika ubu ibimenyetso vyerekana ko ubuhungarema ari wo muhora nyawo wo gukwiragira.