OMS itewe impungenge n'ikiza gishasha ca Ebola muri Kongo

Ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi OMS rivuga ko ritewe impungenge n'ikiza ca Ebola casubiye kwaduka muri Republika ya Demokrasi ya Kongo.

OMS ivuga ko ico kiza ari co gikomeye kimaze kuboneka mu karere k'uburaruko bushira uburengero bwa Kongo.

Abantu mirongo itanu na batandatu ni bo bimaze kumenyekana ko banduye Ebola mu ntara ya Equateur kuva ikiza giheruka catangazwa mu kwezi kwa gatandatu.

Umuyobozi wa OMS mu karere ka Afrika, Dr Matshidiso Moeti, avuga ko bamwe mu banduye bari mu duce twa kure tugoye gushikamwo.

Uwo mudamu yavuze ko bakuye icigwa mu biza biheruka muri iyo ntara nyene mu 2018, ngo kandi abantu barenga 12.000 barahawe urukingo mu ndwi zitandatu ziheze.

Mu kwezi kwa gatandatu, abajejwe ivy'amagara batangaje ko ikiza ca mbere kibi muri ico gihugu caheze, mu ntara zitatu zo mu buraruko bushira ubuseruko, cahitanye abantu bashika 2287.