Perezida Paul Kagame avuga ko u Rwanda rwiteguye kunagura imigenderanire n'u Burundi

Umukuru w'igihugu c'u Rwanda avuga ko u Rwanda rwiteguye kuganira n'ubutegetsi bushasha bw'u Burundi kugira ngo imigenderanire isubire kuba myiza hagati y'ibi bihugu vyompi.

Ibi Perezida Paul Kagame yabivugiye mu kiganiro yagiranye n'urwaruka kuri uyu wa gatanu aciye ku rubuga rwa Instagram, akavuga ko bobo batazigera baba intambamyi kugira ngo iyo migenderanire isubire kunagurwa.

Ibi bihugu bibanyi bisanzwe bidacana uwaka kuva mu 2015, igihe haduka indyane za politike ziturutse ku mpari zijanye n'amatora mu Burundi.

Perezida Kagame yabwiye abari muri ico kiganiro ko ari ibintu biba ugasanga hari ibibazo bigaruka canke bibandanya bigatuma abantu batagenderanira canke batabana uko bikwiye.

Ati: "Ariko ica nkenerwa ni ukurondera uburyo vyava mu nzira bigakemuka, abayobozi ni co bashinzwe".

"Politike nziza ni co isigura, ivuga ko abantu bakwiriye kuba babana bagahahirana, ibindi vy'ukutumvikana vy'urudaca navyo bikagira uko birangira".

Perezida Kagame avuga ko ari vyo yipfuza gushikako "n'abayobozi basha mu gihugu c'u Burundi, ari Perezida Evariste Ndayishimiye n'abo afatanije nabo mu kuyobora".

Avuga ati: "Iyo politike niba ariyo baganisha twebwe ntabwo bazasanga tugoranye kugira ngo dukorane nabo, twumvikane nabo, duhahirane nk'ibihugu vy'ibituranyi tubane neza kuko ari ko bikwiriye".

Kuva mu 2015, u Rwanda n'u Burundi birabana ribi, kimwe kimwe cose kikagiriza ikindi ko gihaye indaro abashaka guhungabanya umutekano w'ikindi.

Mu gihe imigenderanire y'u Burundi n'ibihugu bitari bike yatosekaye kubera izo ndyane, Perezida Ndayishimiye amenyesha ko yiteguye kwubaka "imigenderanire myiza n'ibindi bihugu n'amashirahamwe mpuzamakungu".

Kuva ashitse ku butegetsi, Perezida Evariste Ndayishimiye nta kintu cihariye arashikiriza ku bijanye n'imigenderanire hagati y'u Burundi n'u Rwanda.

Bwana Ndayishimiye avuga gusa ko "imiryango y'Uburundi yuguruye" ku bipfuza "gufashanya n'Uburundi bose", ariko ati: "Baze bazi ko twipfuza gukorana twisunze amategeko mpuzamakungu agenga imigenderanire n'ugufashanya".