Coronavirus-Kenya: igipolisi cafashe umudereva agiye guhamba isandugu y’abapfuye igaragara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igipolisi muri Kenya caraye gihagaritse umudereva yanduye coronavirus n'abandi batatu babesha ko batwaye ikiziga.
Abo bantu bahagaritswe bamaze kugenda ibirometero 370 batorotse bavuye ku mugwa mukuru Nairobi, batwaye isandugu y'ikiziga ariko iri gusa, imbere y'uko bahagarikwa bageze mu karere ka Homa Bay.
Ivyo vyatangajwe n'umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Kenya Mutahi Kagwe, aho yamenyesheje kandi ko ako karwi kigize abapolisi bafise iyo sandugu iri gusa, bikaba vyabatumye bashobora kurengana ibirindiro vy'abapolisi bitari bike.
Bageze muri ako karere ka Homa Bay, abajejwe umutekano baragize amakenga biba ngombwa ko bugurura iyo sandugu basanga nta kirimwo.
Umushikiranganji Kagwe avuga ko uyo mudereva yaciye ashirwa ukwiwe, maze abo bandi nabo bari kumwe nawe bashirwa mu kibanza categuriwe abikekwa ko banduye kugira ngo bakurikiranwe.
Haraciye ukwezi kumwe Kenya itangaje umuntu wa mbere yanduye coronavirus, igitigiri c'abandura kikabandanya congerekana ku minsi ku munsi.
Kubera ikiza ca coronavirus kwinjira Nairobi canke gusohoka birabujijwe.
Haraciye hafi indwi zibiri leta y'ico gihugu itangaje ingingo zibuza ukwinjira n'ugusohoka umugwa mukuru Nairobi be n'ibindi bisagara bitatu bifatwa ko vyinjiranywe na Covid-19.
Umushikiranganji Kagwe avuga ko leta iriko irakora amatohoza ku makuru avuga ko abapolisi bajejwe uruja n'uruza ku mabarabara boba barya ibiturire kugira abantu barengane.

Kenya imenyesha ko gushika ubu abashika 262 ari bo bamaze kwandura uwo mugera inyuma y'aho ejo umushikiranganji w'amagara y'abantu atangarije abandi 16 banduye.
Uwo mugera watumye hafatwa ingingo yo guhagarika ibikorwa vyose vy'ubudandaji mw'isoko rizwi cane riri muri karitiye ya Eastleigh mu gisagara ca Nairobi.
Abarongoye ishirahamwe ry'abadandaza bakorera muri iyo soko bavuga ko abadandaza bananiwe n'ugukurikiza ingingo zafashwe n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu, nko kutegerana, kwambara twa dutambara dupfuka amazuru n'umunwa be no gukaraba.
Iryo soko rizwi ko rifise amaduka abayabaye ashika 18.000 hamwe n'ayandi manini cane ashika 60, agurisha ibidandazwa bitandukanye harimwo impuzu ziva mu Bushinwa, mu karere k'ubuseruko bwo hagati hamwe n'i Bulaya.
Iryo soko kandi ni ihuriro ry'ingenzi ziva mu bihugu bitandukanye vya Afrika y'Ubuseruko no hagati bakora ibikorwa vy'ubudandaji.
Umugera wa coronavirus ubandanya ukwiragira mu bundi burere bwa Kenya, umushikiranganji w'umutekano mu gihugu hagati, Dk Fred Matiang'i , akagabisha ko mu minsi iri imbere hashobora gufatwa n'izindi ngingo ruhasha mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira ry'uwo mugera.










