Coronavirus: Muri Kenya ubu utambaye ‘mask’ ashobora gupfungwa

Kuva ubu ufashwe utambaye 'mask' muri Kenya ushobora gupfungwa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuva ubu ufashwe utambaye 'mask' muri Kenya ushobora gupfungwa

Igipolisi ca Kenya kimenyesha ko ikiringo cari cahawe abanyagihugu ngo babe barondeye twa dutambara two gupfuka amazuru n'umunwa carangiye, kandi ko kuva kuri uyu wa gatatu kigiye kuza gihagarika uwutazoba akambaye.

Umukuru w'ico gipolisi Hillary Mutyambai avuga ko abanyagihugu bari bahawe umwanya uhagije wo kurondera utwo dutambara, ko rero kuva ubu amategeko agiye gushirwa mu ngiro.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buherutse kumenyesha ko umuntu uwo ari we wese azofatirwa hanze atambaye ako gatambara azotozwa ihadabu y'amashilingi ya Kenya 20.000, canke apfungwe amezi atandatu.

Abakora ibikorwa vyo kwunguruza abantu bari basavye leta ko yobaronsa utwo dutambara, bakavuga ko tuzimvye.

Ubu, agatambara kambarwa rimwe gusa kagurishwa ku mashilingi 100 y'amakenya, mu gihe akambarwa n'abaganga kitwa N95 kagurishwa gushika ku mashilingi 1,500 y'amakenya.

Leta yarasohoye itegeko ry'uko uwo ari we wese azoba ari mu bibanza bikoraniramwo abantu azotegerezwa kwambara ako gatambara, ko yasavye amakompanyi atandukanye gufasha kugira ngo tuboneke kubwinshi.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bugize iminsi bwigisha abanyagihugu ingene utwo dutambara twambarwa n'ingene bodukura kugira ngo ntibahave biyanduza.

Kuva mu ntango y'ikiza ca coronavirus, umuryango ujejwe amagara y'abantu kw'isi wamye umenyesha aho uhagaze ku bijanye no kwambara utwo dutambara.

Kubwa OMS/WHO, imirwi ibiri gusa niyo yotegerezwa kutwambara: abamaze kwandura n'abafise ibimenyetso, hamwe n'abafasha abo bantu bikekwa ko banduye coronavirus.