Coronavirus: Ibishasha ku kwambara udutambara two gupfuka amazuru n’umunwa

Umugore acuruza imigati i Abidjan yambaye agatambara yirinda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugore acuruza imigati i Abidjan yambaye agatambara yirinda

Vyoba ari ngombwa ko twese twambara udutambara two kuzibira amazuru n'umunwa kugira ngo dufashe kurwanya ikwirakwira rya coronavirus?

Iki kibazo nico kiriko kirigwa n'umurwi w'abahinga mw'ishami ry'ishirahamwe ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO.

Uyo murwi uriko wihweza ubushakashatsi bwakozwe, aho bwerekana ko iyo umuntu akoroye canke yasamuye (kwitsamura mu Kinyarwanda), imigera ishobora gushika kure, ugereranije n'ibisanzwe bizwi.

Ubwo bushakashatsi bwakozwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika buvuga ko iyo umuntu akoroye, uwo mugera ushobora kwirasa gushika ku metero zitandatu, nayo iyo yasamuye ko woba ushobora gushika ku metero umunani.

Umukuru w'uyo murwi , Prof David Heymann, yabwiye BBC ko ubwo bushakashatsi bushasha bushobora gutuma hafatwa izindi ngingo ku bijanye n'ukwambara utwo dutambara.

Uwahoze arongoye OMS asigura ati: "OMS iriko irahanahana ivyiyumviro kuri ayo makuru mashasha kugira ngo turabe nimba vyoba ngombwa ko itanga ubundi butumwa bujanye n'ikoreshwa ry'utwodutambara".

None ubu bahanura iki?

OMS ihanura ko abantu botandukana n'imiburiburi imetero imwe hagati yabo n'uwukorora canke uwasamura kugira ngo twirinde kwanduzanya.

Ivuga ko abantu barwaye canke berekana ibimenyetso vy'uko bashobora kuba baranduye bokwambara udutambara dupfuka umunwa n'amazuru.

Hagati aho, ivuga ko abantu batarwaye bokwambara utwo dutambara igihe bariko barafasha abandi bikekwa ko boba baranduye, canke mu gihe bo nyene ubwabo bakorora canke basamura.

Udupfukamunwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, OMS ivuga ko ukambara agomba gukurikije neza ibijanye n'isuku

OMS ishimangira ko utwo dutambara dukora neza gusa mu gihe umuntu akurikije neza ibijanye n'isuku, nk'ukaraba umwanya wose, kudukoresha kandi kudushingurana isuku.

Ubwongereza, co kimwe n'ibindi bihugu harimwo na Amerika, busaba ko abantu botandukana n'imiburiburi imetero zibiri hagati y'umwe n'uwundi.

Iyi mpanuro ifatira ku vyemezo vy'uko imigera ishobora gusa kwandukira mu gihe iri mu mpemu zirimwo amazimazi.

Nico gituma abahinga bemeza ko iyo imigera isohotse umuntu akoroye canke yasamuye ica iherera mu kirere canke ikagwa hasi, hafi ya nyene kuyirekura.

None ubwo bushakashatsi bushasha buvuga iki?

Abashakashatsi b'ikigo c'ubuhinga, Institute of Technology (MIT), ca Massachusetts, bakoresheje ivyuma vya karuhariwe bifata amasanamu anyaruka cane mu ntumbero yo kwihweza ibishika iyo umuntu akoroye canke yasamuye.

Basanze hasohoka impemu zinyaruka ku rugero runini cane kandi harimwo utubumbe tw'amazimazi dufise uburemere butandukanye - kandi ko duto muri two dushobora gutwarwa n'impemu gushika kure cane.

Ico cigwa cerekana ko iyo umuntu akoroye hashobora gusohoka utwo tubumbe tw'amazimazi dushobora kwiterera gushika ku metero zitandatu, nayo iyo umuntu yasamuye dushobora kwiterera gushika ku metero umunani.

None ivyo bifise inkurikizi izahe?

Umuhinga yari arongoye ico cigwa, Prof Lydia Bourouiba wo kuri ico kigo, avuga ko afise amakenga ku ngingo ijanye n'ingene abantu botandukana.

Ati: "Ivyo dusohora iyo dukoroye canke twasamuye ni igicu c'impemu gifise inguvu nyinshi zigituma gishobora gushika kure, kandi kigakwiragiza imigera mu cumba cose".

b
Coronavirus

"Rero kwihenda ngo dutandukane imetero imwe canke zibiri, twibaza ko imigera ica ikorokera hasi itageze kure ntaho bisa n'ivyo twabonye kandi twapimye".

None ivyo birashobora gutuma ibijanye no kwambara udutambara bishobora guhinduka?

Ingene Prof Bourouiba abibona, ni uko hari igihe, cane cane ahantu hugaye mu vyumba bitagira umuyaga ukwiye , ukwambara utwo dutambara bishobora kugabanya ukwanduzanya.

Nk'akarorero, iyo uri imbere y'umuntu yanduye, utwo dutambara turashobora kuzibira impemu ziwe n'imigera irimwo ntibishobore gushika ku munwa wawe.

Uyo murwi w'abahanuzi ba OMS bibaza iki?

Nk'uko bivugwa na Prof. Heymann, ubwo bushakashatsi bushasha bw'ico kigo hamwe n'ibindi buzokwihwezwa neza kuko bwerekana ko impemu zisohoka iyo umuntu akoroye canke yasamuye zishobora kwiterera zigashika kure gusumba uko twavyibaza.

Avuga ko mu gihe bosanga bimeze uko, "ukwambara utwo dutambara bisa canke bisumba ugutandukana hagati y'umuntu n'uwundi".

Ubushakashatsi busha

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ubushakashatsi bushasha buvuga ko gukorora no kwasamura birungika amazimazi kure gusumba uko vyari bizwi

Hagati aho, yongerako y'uko utwo dutambara dutegerezwa kwambarwa neza, tugapfuka neza amazuru.

Avuga ko ari ukutwambura iyo tumaze gukanya kubera imigera ishobora kurengana. Avuga ko abantu bokwitonda bakatwambura neza kugira imigera ntihave isigara ku biganza.

Avuga ko utwo dutambara twokwambarwa umwanya ku mwanya.

Ati: "Nta kugira ngo hinge ndakambare hanyuma ndagakure kugira ngo nywe itabi canke mfungure - gategerezwa kwambarwa umwanya wose".

"Utwo dutambara dutegerezwa kwambarwa neza, tukama duhindurwa, mu kudukura bigakorwa mw'isuku ridasanzwe, tukabikwa ahantu heza kandi ivyo bikajana n'ugukurikiza amabwirizwa y'isuku kugira ngo tugire akamaro".

"Ubushakashatsi kandi bwerekana ko uko umwanya wagiye ugenda ariko abantu bagenda badebukirwa mu gukwirikiza ivyo vyose iyo umuntu akambaye umwanya muremure".

Abagabo bambaye udutambara muri iki gihe cya coronavirus

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagabo bambaye udutambara muri iki gihe cya coronavirus

Ubwo ibihugu ntivyoba biriko birafata iyindi ntumbero kuri utu dutambara?

Mugihe dusanzwe dukoreshwa kuva kera ku mugabane wa Aziya, ikigo ca Amerika kijejwe gukurikirana ibijanye n'indwara, US Centers for Disease Control (CDC), kiriko kiradukorako amatohoza kugira ngo kirabe nimba twokwambarwa n'abanyagihugu bose.

Muri Autriche, abapolisi bafashe ingingo yo kutwambara, kandi uwo ari we wese akeneye umupolisi ategerezwa kukambara. Eka n'abafise amazu y'idandarizo basaba bashimitse ko abakiriya babo botwambara.

Ibihugu birashobora gufata ingingo kw'ikoreshwa ry'utwodutambara bivanye n'intumbero izotangwa na OMS inyuma y'uwo mwihwezo w'abahinga.