Premier League: Imirwi igiye kuvugana uko ihiganwa ryorangira ku wa 30/06

PL

Ahavuye isanamu, Getty Images

Imirwi iri mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Premier League, itegekanya kuganira ejo ku wa gatanu ingene iryo higanwa borirangiza ku wa 30 z'ukwa gatandatu.

Imirwi yose ntiyashoboye kugira ico ishikirije mu mibonano yagiye iraba gushika ubu, ariko beneyo bariko bihweza ingene hatoba ingorane mu masezerano bafitaniye n'abakinyi.

Ivyo biri uko mu gihe icizere c'uko iryo higanwa rishobora gusubira gutangura mu kwa gatanu kiri kure nk'ukwezi.

Hari abakinyi batari bake amasezerano bafitaniye n'imirwi yabo azorangira ku wa 30 z'ukwa gatandatu.

Abo ni nka Willian akina hagati muri Chelsea, hamwe na Jan Vertonghen akina ku ruhande rw'inyuma muri Tottenham.

Hambavu y'ivyo, hariho nka Liverpool itegekanya guhagarika amasezerano ifitaniye na New Balance yo kubakorera impuzu, ikagiranira ayandi masezerano na Nike.

Eka n'imirwi ya Watford na NewCastle nayo nyene itegekanya guhindura amakompanyi asanzwe abakorera impuzu.

Ishirahamwe FIFA risanzwe rizi ico kibazo, rikaba ririko ririhweza ingingo zofatwa, nk'ukongereza ibiringo vy'amasezerano, kubera amahiganwa yahagaritswe mu kiringo kitazwi biturutse ku kiza ca coronavirus.

Ariko rero mu mategeko, abakinyi ntibashobora gusinyishwa amasezerano ku nguvu, ivyo bigashobora gutuma hari imirwi itakaza abakinyi babo bakomeye imbere y'uko ihiganwa rirangira.

Ni naco gituma habaye ivyiyumviro vyinshi aho abatari bake bashikirije ko, uko bizoba bimeze kwose muri Premier League, iyo tariki ya 30/06 itegerezwa kuba ntarengwa.

Ivyo bizotuma haboneka umuco kw'ihiganwa riza rya 2020/2021 rifatwa ko ariryo rizoba rikomeye gusumba iry'uyu mwaka, nk'uko abatari bake babibwiye BBC Sport.

Gushinga igenekerezo ntarengwa ry'iryo higanwa birimwo ibibazo vyinshi, cane cane bishingiye ku kungene imirwi iduzwa mu gice ca mbere, hamwe n'iyimanurwa mu gice ca kabiri.

Hari n'abandi babona ko icoba ciza ari uko boduza imirwi ya Leeds na West Brom iri imbere mu gice ca kabiri, gutyo Premier League ikazoba igizwe n'imirwi 22, ariko ngo ivyo navyo vyozana izindi ngorane.

Ivyo nivyo bibazo bizokwigwa n'abarongoye ihiganwa rya Premier League muri iyo nama itegekanijwe kuri uyu wa gatanu.

Hagati aho, nta nyishu ntabanduka yitezwe kuko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Bulaya,UEFA, ryasabiye abajejwe amahiganwa mu mirwi y'ibihugu vya Bulaya ko bohabwa umwanya ukwiye kugira ngo bazoshikirize aho bahagaze kubijanye n'ingene borangiza amahiganwa yabo i Bulaya, ivyo navyo bikaba vyitezwe hagati mu kwa gatanu.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w'umuri Sheffield United, Chris Wilder, abona ko ata tariki ntarengwa y'ihiganwa izohava ishingwa.

Mu kiganiro Today ca Radio 4 yegukira BBC, yavuze ati:

"Ndazi neza ko tuzokwitunganya dufatiye ku bihe turimwo. Ndazi ko, ku neza y'iri higanwa nyamukuru ry'u Bwongereza be n'ayandi mahiganwa makuru makuru ya Bulaya, bose bazokwipfuza ko amahiganwa arangira neza".

"Ndizera ko bizokunda ko twitunganya ukundi mu mahiganwa y'umwaka uza, dufatiye ku bihe vy'amahiganwa mpuzamakungu, be n'uko inkino zimwe zimwe zishobora gushirwa hagati mu ndwi".

"Turashobora gutegura tukarangiza ihiganwa neza, vyose bivana n'integuro be n'ingene twitunganije".

"Ariko nk'uko n'abandi bose babivuga, kandi ndabihagararako, aho ni mu gihe ibihe vyoba vyorohereza bose. Kandi dutegerezwa kugendera ku vyo leta idusaba".