Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coronavirus: Ibintu bitanu ukwiye kumenya
Hari ibintu vyinshi bigenda bivugwa kuri coronavirus mu Bwongereza. Reka rero turabe ukuri kuri vyo.
Udutambara two kwipfuka amazuru si ukuvuga ko dukora ico twagenewe
Mu bihugu bimwe bimwe nk'u Bwongereza, ushobora kubona abantu batari bake batanguye kutwambara, ariko nta kintu kinini cerekana ko koko dukora ico twagenewe.
Ivyo ni ukubera usanga tutagumye, kandi ntidupfuke amaso, mu gihe kandi udashobora kutwambara umwanya muremure.
Utwo dutambara dukeneye kwama duhindurwa (kubera kubira icuya), kugira ngo koko tugire akamaro.
Kugira ngo wikingire, ni nkenerwa ko :
- Wipfuka umunwa n'amazuru iyo wasamuye, ukoresheje agatambara canke intege y'ukuboko
- Ako gatambara wakoresheje uce ugata mu gikapo c'imicafu gipfundikiye
- Uhejeje, uce ukaraba n'isabuni
- Gerageza kwigira inyuma y'abantu bakorora canke basamura (n'imiburibiru ku metero imwe)
Ntute umwanya ngo:
- Urya ibitungurusumu
- Uriyugumura
- Ukarabe amazuru ukoresheje amazi arimwo umunyu
- Wisige amavuta ya sesame munsi y'amazuru
Muri ivyo vyose nta na kimwe gifasha kuzibira uwo mugera.
Ntushobora kwandura uwo mugera ngo n'uko ukorakoye ibikoko
Nta kintu na kimwe cerekana ko imbwa canke akayabu gashobora kwandura uwo mugera.
Hagati aho, ivyo ntibivuga ko utokwama ukaraba n'isabuni mu gihe wabikorakoye.
Uwo mugera mushasha wa coronavirus uzwi ko wavuye mw'isoko rigurisha ibitungwa i Wuhan, mu Bushinwa - arico gituma uvugwa ko wavuye mu bikoko.
Uwo mugera ushobora kuba utashotse uboneka mu bikoko imbere y'uko usimba ukandukira abantu, kandi ni ko n'iyindi migera itangura, nk'akarorero ibicurane, Ebola, SARS.
Ariko ivyo ntibivuga ko ibikoko muri rusangi biteye ubwoba canke ko ari vyo bikwiragiza uwo mugera.
Uwo mugera urica, ariko si cane
Abantu nka bose batangura kwerekana ibimenyetso bisanzwe (inkorora, ubushuhe) kandi barakira.
Hagati aho, uwo mugera urashobora gutuma abantu bamwe bamwe basinzikara (bagafatwa n'imisonga, canke bakagira ingorane zo guhema), ariko abahitanwa nawo usanga ari bake (kubera bagize ingorane zikomeye z'amahaha) mu Bushinwa.
Ntiwibagire kandi ko hari indwara y'ibicurane igihe cose mu rushana (mu gihe c'imvura), kandi vyica abantu - mu Bwongereza, abantu bashika 600 bama bahitanwa n'ibicurane buri mwaka.
Nko mu Bwongereza, kubera ingingo nyinshi zafashwe, hari igihamana kibi co gufatwa n'ibicurane gusumba coronavirus.
Hanyuma kandi, ingingo yo gushira ukwabo abantu bose bavuye i Wuhan ituma uwo mugera utagira ingaruka mbi.
Igisabwa ubu muri ico gihugu, ni uko abantu bokwicandagisha ibicurane muri kino gihe.
Video : uko uwu mugera urwanywa nk'umwansi rutura w'Ubushinwa:
Ariko rero nta muti wayo uriho
Nta muti canke urucanco ruriho gushika ubu.
Hari ho uburyo bwo kuyivura ariko abantu benshi barakira uko nyene atabwo barinze gukoresha.
Hari abahinga bariko bita ku rutare kugira barondere urucanco, ariko ruzotegerezwa kubanza kugeragezwa, vyumvikana ko rushobora gufata igihe kirekire imbere y'uko rutangura gukoreshwa.
Hari abantu bafise ibibazo vy'amagara, cane cane nk'abarwaye asima, indwara z'imitima, kanseri hamwe n'igisukari, bashobora kumererwa nabi gusumba.
N'aho umuntu uwo ari we wese ashobora kuwandura - mbere ikaba igenda yiyongera umunsi ku munsi mu Bushinwa - ariko ni abantu bake cane bicwa n'uwo mugera.
Ntugatinye kwihereza imfungurwa z'Ubushinwa
Nta mvo n'imwe yotuma uheba gufata imfungurwa usanzwe umenyereye canke uheba kugura imfungurwa canke inzoga zo mu Bushinwa.
Eka ntunatinye no kwakira umuzigo canke amakete avuye mu Bushinwa.
Uwo mugera nta mahirwe ufise wo kumara umwanya muremure kuri ivyo bintu, co kimwe n'ibindi nk'ibikombe n'ibindi.
Kugira ngo wandure, ni uko uba wegeranye n'umurwayi - nko ku metero zibiri mu minota 15 canke irenga.
Ibihugu bitari bike vyashize mu kibanza cabo abantu bavuye mu gisagara ca Wuhan no mu ntara ya Hubei mu ntumbero yo kubakurikirana.