Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Al Shabab yagavye igitero ku kigo ca gisirikare ca Amerika na Kenya
Abarwanyi ba ki Islamu b'umugwi wo muri Somaliya, Al Shabab, bagavye igitero ku kigo ca gisirikare ca Kenya kiri ku nkengero z'ibahari kinacumbikiye abasirikare ba Amerika.
Ico gitero c'abo barwanyi b'umugwi ukorana na Al Qaeda gisa nk'ukwubahuka gukomeye, cagabwe mu mutwenzi w'uno munsi.
Abajejwe intwaro muri Kenya bavuze ko abarwanyi bane bishwe mu gihe Al Shabab nayo yavuze ko hari abanye Amerika n'abanye Kenya yishe.
Igisirikare ca Amerika kivuga ko iki gitero cabereye hafi y'akarere ka Lamu kagendwa cane n'abakerarugendo, casubijwe inyuma.
Ariko kandi ico gisirikare nyene cemeje ko hari inyubako n'ibikoresho vyononekaye, kinemanga ko umutekano muri ako karere utarizerwa.
Al Shabab yasohoye amafoto yerekana amabendera yayo hafi y'ibisa n'indege zaturiwe.
Hari amakuru ataremezwa neza avuga ko imwe muri izo ndege ari iy'abanye Amerika ikoreshwa mu gusuma urusaku mu karere.
Mu ndwi iheze abantu benshi baraguye mu gahundwe aho uwo mugwi washigikira iyicwa ry'abantu mirongo mu gitero c'igisasu muri Somaliya.
Kuri ubu abajejwe intwaro muri Amerika na Kenya batewe umwitwarariko n'uko Al Shabab yashoboye kwinjira mu kigo ca gisirikare gifatwa nk'igifise umutekano ukwiye.