Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu batatu bishwe mu gitero c’intagondwa muri Kenya
Abantu batatu baraye bishwe mu gitero cakozwe ku modoka yunguruza abantu muri Kenya hafi y'urubibe ico gihugu gihana na Somalia nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Muri ico gitero, abandi babiri bakomeretse bakaba bariko baravurirwa mu mavuriro yegereye aho vyabereye.
Abajejwe umutekano barimwo abasirikare, abapolisi n'abajejwe gucungera amashamba bari mu gikorwa c'uguhiga izo nkozi z'ikibi zikekwa ko ari izo mu muhari wa Al-Shabab.
Iyo modoka yariko iva mu gisagara ca Mombasa yatewe igeze mu karere ka Lamu aho abari muri yo babonye abagabo bayihagarika ubwo nyene baca batangura kuyirasa.
Abakoze ico gitero ntibaramenyekana ariko mu gihugu kibanyi ca Somalia, umurwi w'intagondwa za Al-Shabaab umaze igihe ukora ibitero mu gihugu.
Abajejwe umutekano bavuga ko bongereje inguvu kugira ngo bashobore gufata abo bakoze ico gitero iyo bahungiye mu mashamba..
Igihugu ca Kenya gisanzwe cararungitse ingabo zaco muri Somalia gufashanya n'izindi ngabo z'umuryango wa Afrika (AMISOM) kurwanya uyo muhari w'intagondwa.
Kenya yarakomeje ibikorwa vy'ugucungera umutekano inyuma y'aho hari amakuru y'igisata c'igenderza yavuga ko al-Shabab yariko itegura ibitero muri ino minsi mikuru ya Noweli n'Umwaka mushasha.