Igitero ca Al-Shabab cahitanye 3 muri Kenya

Abantu batatu bishwe inzu nyinshi ziraturirwa n'abikekwa kuba abagwanyi ba al-shabab i Maleli, mu ntara ya Lamu muri Kenya, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru cigenga ca Standard.

Ikindi kinyamakuru co muri Kenya canditse ko abo bantu batatu baciwe imitwe muri ico gitero co ku musi wa kane mw'ijoro.

Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru ca Star, umukuru w'igipolisi muri ako karere, Gilbert Kitiyo yemeje ico gitero avuga ko abajejwe umutekano bakwiragijwe muri ako karere mu ntumbero yo kuraba uko ibintu vyifashe.

Ico gitero kije gikurikira ibindi vyabaye muri ako karere, aho abagwanyi ba al-Shabab batema bagatongora mu bigwati ari na ko bagira ibitero ku bantu.

Igihugu ca Kenya caragize ibikorwa bikomeye vya gisirikare muri ako karere harimwo n'ikoreshwa ry'indege ku birindiro vy'abo bagwanyi bari binyegeje mw'ishamba rya Boni, rijabuka n'urubibe bihana na Somalia aho abo bagwanyi basanzwe batse indaro.