Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Somalia: Umugwanyi akomeye wa Al-Shabab yishwe mu gitero ca Amerika
Ubutegetsi bwa Somalia bwamenyesheje ko umukomanda akomeye wa Al-Shabab yishwe mu gitero cagabwe n'ingabo za Amerika.
Mw'itangazo ryanditswe n'uburongozi bwa gisirikare bwa Amerika bujejwe Afrika, ntibwatangaje izina ry'uwo mugabo yishwe, ariko buvuga ko umugwanyi umwe yishwe hafi ya Tortoroow mu bumanuko bwa Somalia.
Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru (Abdulrahman Omar) yavuze ko harondegwa umukomanda yitwa Ali Jabal, azwi ko yagavye ibitero hafi y'ibitaro vy'i Mogadishio.
Mu ntango z'uno mwaka, Prezida Trump yahaye igisirikare ca Amerika ububasha bunini bwo gushobora kugaba ibitero, gifashanya n'ingabo ziri muri Somalia.