Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa Francis yemeye ko yananiwe kwihangana akubita urushi umukenyezi yariko amukwega
Papa Francis yasavye imbabazi inyuma y'aho akubitiye urushi ku kuboko umwe mu bakirisu bari mu rugendo rweranda bakoraniye ku kibanza citiriwe umweranda Petero i Roma.
Papa yariko aramutsa abana n'abandi bari bakoraniye muri ico kibanza hanyuma agize ngo aragiye, umukenyezi umwe muri bo amukwega ukuboko n'inguvu nyinshi gushika n'aho ahakwa kumugwisha hasi.
Ivyo vyatumye Papa ahindukira agerageza kumwikura vyanka, aca amukubita urushi ku kuboko ashavuye abona kumurekura.
Niho mu nyuma Papa yemera ko vyanse ko yihangana aremera ko nawe nyene acumura nk'ikiremwamuntu nk'abandi.
Ati: "Kenshi biranka ko twihangana. Naje birashobora kunshikira. Nico gituma nsavye imbabazi ku vyashitse nijoro".
Ivyo vyatangaje benshi kuko imbere y'aho, mu gihe yashikiriza ijambo ry'ukwipfuriza umwaka mushasha abakirisu, yariyamirije ihohotera rikorerwa abakenyezi.