Korea ya Ruguru yaraye ikoze irindi gerageza rikomeye

Ikinyamakuru ca leta ya Koreya y'Uburaruko kimenyesha ko ico gihugu cagerageje ibindi birwanisho ku kirindiro gitererwako ibigendajuru mu mugambi waco w'ukwerekana inguvu zaco z'ugukora ibirwanisho vy'ubumara.

Itororokanirizo ry'amakuru KNCA rivuga ko iryo gerageza ryabaye ejo ku wa gatanu ku kirindiro ca Sohae ariko nta zindi nsiguro ryatanze.

Iryo gerageza rigize kabiri rikorewe kuri ico kirindiro mu kiringo kidashika indwi.

Ibiganiro hagati y'ico gihugu na Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyarahagaze ataco bishitseko.

Perezida Donald Trump wa Amerika yaranse gukuraho ibihano cafatiye Koreya y'Uburaruko gushika aho iki gihugu kizohagarikira umugambi Waco w'uguhingura ubumara.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w'ico gihugu, Kim Jong-un, abandanya asaba ko Amerika igira ico ihinduye imbere y'uko uyu mwaka urangira.

Kivuga ko kizoca gifata iyindi nzira mu gihe ivyo bitabaye - kikagabisha Amerika ko mugihe itohindura ishobora kwibonera ibindi bitangaza mu minsi ya Noel.

None ni ibiki vyageragejwe

Gushika ubu, ntibiratomoka neza ivyoba vyageragerejwe kuri ico kirindiro.

Ankit Panda umuhinga mu biraba Koreya y'Uburaruko mw'ishirahamwe rihuza abashakashatsi muri Amerika, yabwiye BBC ko ari moteri yo gutera gutera misire y'ubumara yoba yageragejwe.

Mu ntango z'uku kwezi, umushikiranganji w'ukwivuna abansi wa Koreya y'Ubumanuko yari yamenyesheje ko Koreya y'Uburaruko yari ifise uwo mugambi.

Koreya y'Uburaruko yarongereje umurindi w'ukugerageza ibirwanisho kuva mu ndwi ziheze, n'aho yari yemeye gusambura ico kigo ca Sohae.

Iryo gerageza ribaye mu gihe habandanya hibonekeza icuka kibi muri ako karere.

Inama nkuru ijejwe umutekano mw'ishirahamwe ONU yarakoranye ku munsi wa gatatu isabwe na Amerika kugira ngo yihweze umugambi wa Koreya y'Uburaruko w'uguhingura ibirwanisho ruhonyanganda - ico Koreya y'Uburaruko yise "agasomborotso gakabije".

Vyitezwe ko ejo ku wa Mungu intumwa idasanzwe ya Amerika muri Koreya y'Uburaruko Stephen Biegun azogendera umugwa mukuru wa Koreya y'Ubumanukop, Seoul.

Perezida Trump wewe avuga ko agifise icizere ko ashobora gushika ku masezerano na Koreya y'Uburaruko.

Hagati aho, Amerika nayo ku munsi wa kane yagerageje mw'ibahari Pasifike misire yari yabujijwe mu masezerano yo mu mwaka wa 1987 yo kugabanya ibirwanisho ruhonyanganda, amasezerano Perezida Trump aherutse kwivumburamwo mu ntango z'uno mwaka.