Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyaka 60 inyuma yaho, Abarundi baribuka igandagurwa ry'umuganwa Rudoviko Rwagasore
Hari kuwa gatanu kw'igenekerezo rya 13 ukwezi kw'icumi 1961 uko umwaka utashe, Abarundi baribuka urupfu rw'umuganwa Ludoviko Rwagasore, incungu y'ukwikukira kw'u Burundi.
Rwagasore yagandaguwe afise imyaka 29 n'amezi icenda, haciye iminsi idashika ukwezi umugambwe UPRONA yari abereye umuhanuzi mukuru utsinze amatora yashikanye u Burundi ku ntahe y'ukwikukira.
Rwagasore ntiyashoboye kubona ingene igihugu yaseseye amaraso cashikirijwe intahe y'ukwikukira, inyuma y'imyaka irenga 40 Ababirigi bari bamaze bagikoloniza.
Rwagasore yagandaguwe arashwe aho yariko afata amafunguro kuri Hotel Tanganyika i Bujumbura.
Bivugwa ko uwamurashe ari umugiriki witwa Jean Kageorgis yari kumwe n'Abarundi batatu bo mu mugambwe wari ushigikiwe n'Ababiligi PDC.
Uko ari bane barahagaritswe bavuga ko babitumwe na bamwe mu bategetsi bakuru bo muri PDC.
Mu 2019, BBC yaganiriye na Zénon Nicayenzi, yabaye umunyamabanga wo kwivuna abansi wa mbere kuva u Burundi bwikukiye, hamwe na Aloys Batungwanayo, umushakashatsi mu vya kahise.
Batubariye ibijanye n'urugamba rwa Rwagasore rw'ukurondera intahe y'ukwikukira hamwe n'ivyaranze u Burundi, inyuma y'igandagurwa rya Rwagasore.
Kw'igenekerezo rya 04/10/1958, ku mutumba wa Ndago i Muramvya, Rwagasore yakoranije isinzi ry'Abarundi bava mu mihingo itandukanye y'igihugu, akabashikiriza imigabo n'imigambi y'umugambwe w'Abadasigana UPRONA.
Uburundi bwari bwinjiye mu rukurikirane rw'ibindi bihugu vya Afrika vyariko birashinga imigambwe mu ntumbero y'ukurondera intahe y'ukwikukira.
Nicayenzi na Batungwanayo bavuze ko urugamba rutari rworoshe, ko leta mbirigi yari irongowe na Jean-Paul Harroy ibonye ubutwari bwa Rwagasore mu vyo yoyo yafata nk'ukugumura Abarundi, ntaco itakoze ngo imuburabuze.
Batungwanayo yagize ati: "Jean-Paul Harroy yaciye ashinga itegeko rivuga ko abantu bo mu nda y'ingoma, gushika ku ba kabiri, ni ukuvuga abana, abuzukuru n'abahungwabo, badashobora kuja mu nzego nkuru nkuru z'umugambwe".
Niko Rwagasore atigeze arongora umugambwe kuko abo bari basangiye urugamba baciye bamugira umuhanuzi mukuru w'umugambwe UPRONA.
Kuva igenekerezo rya 27 ry'ukw'icumi gushika 9 z'ukw'icumi na kabiri mu 1960, Rudoviko Rwagasore yapfunzwe ic'amaso, imbere y'amatora y'amakomine yari yateguwe hagati mu kwezi kw'icumi na kumwe.
Umugambwe PDC wari ushigikiwe n'Ububirigi ni wo watsinze ayo matora.
'Ahavuye umugabo ntihasigare umugayo, nta mugabo aba yariho'
Umugambwe UPRONA watsinze amatora y'abashingamateka ku majwi 80 kw'ijana, amatora yari yateguwe ku wa 18 z'ukwezi kw'icenda 1961.
Ayo matora yari acungerewe n'ishirahamwe ONU.
Iyo ntsinzi yatumye ku wa 29 z'uko kwezi nyene ahabwa amabanga yo kuba umushikirangoma wa mbere no gushinga leta nshasha yategerezwa gutegura ukwikukira kw'u Burundi.
Haciye iminsi mike ashinze leta, umuganwa Rwagasore yagandaguwe ku wa 13 z'ukwezi kw'icumi 1961.
Kuva ico gihe umugambwe UPRONA waragize ibibazo, vyagize ingaruka mbi k'u Burundi.
Ni nk'indyane zagiye zibonekeza mu gihugu hagati y'Abahutu n'Abatutsi.
Ku bwa Zénon Nicayenzi, u Burundi bwarabuze uwari gusubirira umuganwa Rwagasore mu gushira mu ngiro imigabo n'imigambi y'umugambwe UPRONA.
Yabwiye BBC ati: "Vyari bigoye mu mwaka wa 1961 ko hagira uwundi muntu yoba yari iruhande yiwe afise ivyiyumviro nk'ivyiwe. Ahavuye umugabo ntihasigare umugayo, nta mugabo aba yariho".
Mbega UPRONA ni yo yokwagirizwa amabi yashikiye Uburundi inyuma y'ukwikukira?
Mu gihe hari Abarundi babona ko amagume igihugu cagiye kiracamwo yavuye ku burongozi bw'umugambwe UPRONA Rwagasore amaze kugandagurwa, Bwana Nicayenzi wewe si ko abibona.
Abona ko indyane zakurikiye u Burundi bumaze kwikukira zavuye kuri politike mbi y'ugucanishamwo, abakoloni bazanye mu bihugu vy'u Burundi n'u Rwanda.
Ati: "Ivyabaye mu Burundi vyatumwe n'intwaro y'abakoloni b'Ababirigi yacanishamwo abanyagihugu mu bihugu batwara, bikaba vyatanguye kugira ingaruka mu gihugu c'u Rwanda mu mwaka wa 1959, bituma hari Abarundi bipfuje gukora nk'u Rwanda".
Mu mwaka wa 1959 mu gihugu kibanyi c'u Rwanda, hari abo mu bwoko bw'Abahutu basenyuye intwaro ya cami.
Abo mu bwoko bw'Abatutsi barokotse ubwicanyi, bahungiye mu bihugu bibanyi.
Nicayenzi yavuze ko ivyabaye mu Rwanda vyagize ingaruka ku Burundi.
Yibwira ko iyo umuganwa Rwagasore atagandagurwa, ivyabaye mu Rwanda bitari kuba mu Burundi.
Yishimikiza ku mvugo ya Rwagasore ati: "Jewe ndashobora guhagarika amagorwa ashobora gushikira Uburundi".
Kubwa Nicayenzi rero, mu gihe abakoloni bobo babona ko aramutse akuyemwo akarenge bari gushobora gushika ku ntego yabo, iyo nayo kukaba kwari ugucanishamwo Abarundi.
Batungwanayo nawe ati: "Abasubiriye Rwagasore ntibashoboye gushira mu ngiro imigabo n'imigambi y'umugambwe UPRONA Rwagasore yari yashingiyeko, iyo nayo ikaba yari ishingiye ku kurandurana n'imizi ikumira iryo ari ryo ryose ryari ryazanywe n'abazungu".
Kubw'iwe, umugambwe UPRONA waciye utangura guta "intumbero muhuza w'Abarundi" yari yahawe na Rwagasore n'abo bari bafatanije gushinga uwo mugambwe.
Umushakashatsi Batungwanayo avuga ko igandagurwa ryiwe ryatumye umugambwe UPRONA uhura n'ibibazo bikomeye, vyagize ingaruka mbi ku buzima bw'igihugu.
Ata n'imyaka ihaciye Rwagasore agandaguwe, umugambwe UPRONA wacitsemwo amashami abiri mu mwaka w'1962.
Ishami rimwe ryari rizwi nka 'Casablanca' ryari rihurikiyemwo abari bafise ivyiyumviyo vya gikomunista, ni ukuvuga intwaro y'Abarusiya.
Bwana Batungwanayo akavuga ko ryari rirwiriyemwo ubwoko bw'Abatutsi.
Irindi ryari 'Monronvia' ryari rihurikiyemwo abagendera ku vyiyumviro vy'aba capitaliste, ni ukuvuga intwaro y'abo mu Burengero bw'isi muri Amerika na Bulaya, rikaba ryari rigwiriyemwo Abahutu.
Avuga ko iyo yabaye intango y'umugera w'amacakubiri hagati y'Abatutsi n'Abahutu kunyengetera mu Barundi, batangura kwicana bapfuye ubwoko vyagiye kwibonekeza cane cane kuva mu mwaka wa 1965.
Bwana Batungwanayo avuga ko ibintu vyagiye kwunyuka kuva mu mwakwa wa 1966, aho UPRONA yigaruriwe n'igisirikare kimaze gutembagaza intwaro.
Ati: "Kuva mu 1966, intwaro za gisirikare zakoresheje umugambwe UPRONA, wagiye kuboneka ko ari igikoresho c'abari ku butegetsi bava ahanini mu ntara imwe".
Ugutsindwa kwa UPRONA mu 1993
Mu mwaka wa 1993, Uburundi bwasubiye mu ntwaro rusangi ishingiye ku migambwe myinshi, inyuma y'imyaka y'intwaro y'umugambwe umwe - UPRONA -, kuva mu 1966.
Mu matora yo ku wa 01 z'ukwa gatandatu, uyo mugambwe watsinzwe n'umugambwe FRODEBU wari urongowe na Melchior Ndadaye.
Ku bwa Nicayenzi, "Intsinzi ya FRODEBU yo mu mwaka wa 1993, yabaye intsinzi y'abantu bavuga bati 'twaranizwe reka twikureko uyu mugambwe'".
Arongera akababazwa n'ivyakurikiye igandagurwa rya Perezida Ndadaye, naryo nyene ryerekana kubw'iwe, ko "Abarundi bataye intumbero ya Rwagasore".
Ku bwa Batungwanayo, ugutsindwa kw'umugambwe w'abadasigana UPRONA kwatumwe n'uko wagiye uritirirwa amahano u Burundi bwaciyemwo.
Abisigura afatiye ko wari umugambwe umwe, kandi ariwo watanga intumbero y'ubutegetsi.
Ati: "Ugiye gusoma mu mabwirizwashingiro yo mu Burundi, bandika ngo: 'umugambwe UPRONA ni umwe rudende utanga intumbero leta igenderako'".
Aremeza ko leta zagiye zirakurikirana hari ibintu vyinshi vyiza zagiye zikora.
Ariko ko n'Abarundi bagiye baricwa. Afatira ku bwicanyi bwabaye nko mu myaka ya 1965, 1969, 1972, 1988 na 1993.
Ati: "Ni ukuvuga ko uyo mugambwe wagize kahise kababaje ku buryo mu 1993 haje uwundi mugambwe, Abarundi batari bake bagize bati 'harageze ko twikurako uwo mugambwe'".
"Baciye bawikurako kubera witirirwa amabi yose yagiye araba mu gihugu, ari wo uri k'ubutegetsi".