Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abishe umuganwa Rudoviko Rwagasore boba barahanywe bose?
Reta y'Uburundi imenyesha ko igiye gushinga umugwi w'abahinga bagira amatohoza ku bishe umuganwa Rudoviko Rwagasore n'umuryango wiwe.
Mw'itangazo reta y'Uburundi yashikirije igihe hariko harahimbazwa imyaka 57 iheze Uburundi bwikukiye, bavuga ko hakiri igipfungu ku rupfu rwa Rwagasore n'umuryango wiwe.
Iryo tangazo rivuga ko abafise uruhara kuri urwo rupfu bamwe bamwe bahanywe, ariko Ububiligi buza imbere mu kwagirizwa ata co burabazwa.
Iryo tangazo rivuga riti:"Ni vyo bamwe nka Birori, Ntidedereza na Kadeorgis baraciriwe urubanza, baramanikwa ariko Ububiligi bufise uruhara ruhambaye buracadora."
Reta y'Uburundi ivuga ko Ububiligi bufise uruhara ruhambaye mw'iyicwa rya Rwagasore n'umuryango wiwe hamwe no mu zindi ndyane z'amoko na politike zakurikiye.
Gushika n'ubu ngo ico gihugu kikaba kibandanya iyo ngendo.
Uburundi rero ngo bugiye gshiraho umugwi w'abahinga wo gutohoza ku rupfu rw'umuganwa Rudoviko Rwagasore, ababukoze bakubitwe intahe mu gahanga.
Iryo tangazo kandi ryashizweko umukono n'umuvugizi akaba n'umunyamabanga wa reta Proseper Ntahogwamiye, riratera intege umugwi ujejwe kumenyekanisha ukuri no kurekuriranira ngo ubandanye igikorwa co kwerekana amabi yose yazingamitse Uburundi.
Riranakeza inama nshingamateka na nkenguzamateka ku kungene bakurikiranira hagufi ibikorwa vy'uko mugwi , reta ikaba yiyemeza gushira mu bikorwa ivyo basavye bikwiye guhindurwa muri uwo mugwi.