Abanye Misiri i Cairo bagandariye inzovu bakunda cane yitwa Naima

Abantu mu muji wa Cairo mu Misiri bagandariye inzovu yari mu bintu rurangiranwa muri uwo muji izwi kw'izina rya Naima, yaraye ipfuye.

Iyo nzovu niyo yari mu birabwa cane mu kigo gitunze ibikoko, canke "zoo", ca Cairo ikaba yari imaze imyaka myinshi ari yo ikwega abantu benshi.

Abajejwe ico kigo bavuze ko iyo nzovu, yari ifise imyaka 40 y'amavuko, yaguye bukwi kubera ikibumbe c'amaraso yagize mu mutima.

Ariko ku mbuga hwaniro, hari abagirije abajejwe iyo nzovu bavuga ko batari bayifashe neza, kakeka ko ari vyo vyayihitanye.

Naima niyo nzovu yari isigaye muri "zoo" ya Cairo nyuma y'aho iyo vyavukana, Karima, ipfyiriye haraciye imyaka itatu.

Ico kigo gitunze ibikoko cavuze ko inzovu Naima izohindurwa igishusho ishirwe mu kibanza ndanga kahise c'ico kigo.