Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida wa Tanzania John Pombe Magufuli ashigikiye ko abana kw’ishure bahanishwa inkoni
Umukuru w'igihugu ca Tanzania John Pombe Magufuli yashimagije umutegetsi yahanishije inkoni abanyeshure, yongera ategeka ko birukanwa.
Ireresi yahanahanywe cane ku munsi wa kane, yerekana umukuru w'intara ya Mbeya Albert Chalamila ariko arihanira we nyene abanyeshure bagirijwe ko baturiye amazu y'uburaro bwabo.
Umushikiranganji ajejwe ubutegetsi bwo hasi nawe, Selemani Jaffo, yavuze ko ata tegeko riha uburenganzira buramatari guhana abanyeshure.
Perezida Magufuli ati: "Navuganye na buramatari w'intara ya Mbeya, kandi namubwiye ko yakoze igikorwa c'iteka mu guha akanywafinywafi abo bana, kandi yari n'ugusumbiriza".
Hagati aho, uyo muburamatari yaraneguwe cane kuri ico gikorwa yakoze c'uguhanisha inkoni abo bana.
Bamwe bamwagiriza ko yahonyanze agateka ka zina muntu, ivyo Perezida Magufuli atihanganiye.
Iyo reresi yakwiragijwe ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ikinyamakuru Mwananchi co muri Tanzania yerekana Bwana Chalamila ariko arakubitira abo banyeshure imbere y'abandi bana.
Ati: "Abo bantu nabo bavuga ko ari ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu, bakwiye kuriha ayo mazu y'uburaro yaturiwe, kuko yubatswe ku ntererano y'abanyagihugu ba nyarucari".
Bwana Magufuli kandi yasavye ko amategeko ajanye n'uguhanisha abana inkoni yohindurwa kugira ngo ahe ubwo burenganzira n'abigisha, hako buba ubw'uwurongoye ishure nk'uko bimeze ubu.
Ati: "Dutegerezwa kuba mu gihugu gifise indero, tugire abana bagendera ku ndero, ari nabo bazokwubaka iki gihugu".
Yipfuza kandi n'ukworosha amategeko ajanye n'igihe umwana ashobora guhanishwa inkoni.