Tanzania yisubiyeko: imenyesha ko ata mpunzi izohungurwa ku nguvu

Leta ya Tanzania ubu imenyesha ko ata mpunzi izigera ihungurwa ku nguvu nk'uko bitegekanijwe mu masezerano mpuzamakungu agenga impunzi.

Mu kwezi kw'umunani, umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Tanzania yatangaje ko kuva kw'igenekerezo rya 01 ukwezi kw'icumi bari gutangura gutahukana impunzi z'Abarundi bose, "bavyemera canke batavyemera".

Uyu munsi, mu kiganiro n'abanyamakuru i Dar es Salaam, umuvugizi wa leta, Hassan Abbas, yavuze koTanzania ibandanya yubahiriza amategeko mpuzamakungu yo mu mwaka wa 1951 ku vyerekeye uguhungura impunzi.

Ishirahamwe HCR rijejwe impunzi kw'isi rivuga ko n'aho bisa n'uko amahoro yiyongereye mu gihugu hataragera ko bahimiriza ihunguka.

Muri ico kiganiro, Bwana Abbas yavuze ko guha indaro impunzi ari politike ya Tanzania kuva kera, mu gihe mu gihugu avamwo hari ibibazo vy'umutekano.

Ati: "Tanzania yatanguye kwakira impunzi z'Abarundi mu myaka ya 1940, imbere y'uko n'amategeko mpuzamakungu agenga impunzi ashirwaho mu 1951".

Hagati aho, avuga ko n'amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi avuga neza ko iyo "ibibazo vyatumye umuntu ahunga bitakiriho, uburenganzira bw'ukwitwa impunzi buragabanuka canke bugahera".

Avuga ko gushika ubu mu Burundi hari amahoro uretse 'utugorane utu canke turiya igihugu ico ari co cose gishobora kugira', ari co gituma leta yahimirije impunzi zumva ko ziteguye gutahuka ziyandikishe.

Avuga ko babikora bisunga ivyo bumvikanye na leta y'u Burundi, bakaba barashinze umurwi uhuriyemwo abarongoye ibisata bijejwe ibibazo vy'impunzi mu bihugu vyompi.

Uyu mugwi avuga ko uzoshobora gutunganiriza muri vyose abipfuza gusubira mu gihugu.

Ati: "Ubajije abiyandikishije bavuga ko baryohewe cane kubona bagiye gusubira iwabo. Rero, ico gikorwa kirahari, tuzobandanya duhungura abiteguye, ni hagira ikibazo caduka tuzogikemura".

Uyu munsi hariho abagomba gutahukanwa, mu nkambi ya Nduta hariho urutonde rw'impunzi zirenga 1000 bitegekanijwe ko zitahukanwa uyu munsi mu Burundi.

Impunzi zidafise ikarata iziranga nazo zashizwe kuri uru rutonde rw'abiyandikishije ko barondera gutaha ku gushaka, naho bobo ngo atavyo bashaka.

Mu kwezi kwa gatandatu, ishirahamwe rijejwe impunzi HCR ryatangaje ko Tanzania ihaye indaro impunzi 221, 000 z'Abarundi.

Leta y'u Burundi ivuga ko impunzi zigera ku 30,000 zimaze gutahuka ku gushaka.