Ihinguriro ry'inzoga mu Burundi Brarudi ivuga ko ibinyobwa ihingura bikwije ibisabwa

Ihinguriro ry'inzoga mu Burundi BRARUDI rimenyesha ko ibinyobwa vyose rihingura rikongera rikadandaza bikwije ivya ngombwa bisabwa ku rwego mpuzamakungu.

Brarudi ishikirije ivyo inyuma y'aho umushikiranganji w'ubudandaji, amahinguriro n'ingenzi amenyeshereje ko mu gihugu hari imyidogo ko ibinyobwa bihingurwa n'iryo shirahamwe vyatakaje akanovera.

Hari haciye iminsi haboneka ubukene bw'inyobwa za Amstel ndende, hamwe na Amstel ngufi bita bock, Brarudi ikavuga ko vyatumwa n'abakiriya b'umurengera.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku wa gatanu, umushikiranganji Jean-Marie Niyokindi, yavuze abihereza Primus, Amstel, Royal n'amafanta, vyose bihingurwa na Brarudi, "vyatakaje akanovera bagereranije n'imyaka iheze".

Umushikiranganji Niyokindi akebura iryo hinguriro "gukora ibinyobwa vyiza bitonona amagara y'abavyihereza", haba mu Burundi, mu karere canke no mu bindi gihugu".

Asaba ikigo BBN kijejwe kugenzura akaranga k'ibidandazwa kwama kirikanuye kikagenzura ko ivyo binyobwa bihingurwa n'iryo hinguriro biri kw'isoko bikwije ibisabwa.

Bwana Niyokindi kandi ko hari icegeranyo cakozwe n'abagenduzi bo muri ubwo bushikiranganji bwiwe cerekana ko hari ubukene bw'ibinyobwa bihingurwa n'iryo shirahamwe.

Avuga ko ivyo bituma ibice 90% vy'ababidandaza ivyo binyobwa hagati mu gihugu bikika mu kiza bakaduza ibiciro uko bishakiye, baciye kubiri n'amategeko agenga urudandaza rwazo.

Brarudi ngo ishira imbere akanovera

Mw'itangazo ryasohowe n'iryo hinguriro inyuma y'ayo majambo yashikirijwe n'umushikiranganji Niyokindi, Brarudi yavuze ko irazwa ishinga n'akanovera k'ibinyobwa rihingura ku neza n'abakiriya baryo.

Rirahumuriza kuri ayo makenga y'akanovera, rikavuga ko amashiramamwe HEINEKEN na Coca-Cola akorana naryo, yama akora ivyigwa kugira ngo arabe ko inzoga zihingurwa zikwije ibisabwa kandi ko n'ibikoresho vyayo bimeze neza.

Ishirahamwe Brarudi rimaze imyaka irenga 60 rikora inzoga mu Burundi, rikavuga ko ari ryo rya mbere ritanga amakori menshi mu gihugu.

Ubukenye bw'ibinyobwa vya Brarudi bumaze igihe, aho hari abibaza ko vyoba bitumwa n'ikena ry'amafaranga y'agaciro, ariko Brarudi yo ikavuga ko biva ku bavyihereza bongerekanye.

Kuva Uburundi bwinjiye mu ngorane za politike mu mwaka wa 2015, ibihugu biteye imbere bimwe vyahagaritse imfashanyo vyahora biha ico gihugu, ivyagize ingaruka mbi ku butunzi bwaco.