Kompanyi y'indege Air Canada yaciwe amande kubera kudakoresha Igifaransa

Ahavuye isanamu, Reuters
Kompanyi y'indege y'igihugu cya Canada yategetswe kuriha umugore n'umugabo amande y'amadolari ya Canada 21,000 ikanabandikira ibaruwa yo kubasaba imbabazi kubera guhonyora uburenganzira bwabo mu bijyanye n'ururimi.
Uwo mugore n'umugabo we binubiye ko ibimenyetso bimwe byo mu ndege barimo ya Air Canada mu rugendo rw'imbere mu gihugu byagaragaraga gusa mu rurimi rw'Icyongereza, mu gihe ibisobanuro by'ibyo bimenyetso mu rurimi rw'Igifaransa byo byari bicye.
Umucamanza yanzuye ko Air Canada yarenze ku mategeko y'iki gihugu yemera ikoreshwa ry'indimi ebyiri z'Icyongereza n'Igifaransa mu buryo bungana.
Amakuru avuga ko Air Canada yabwiye urukiko ko ibyo bimenyetso byo mu Gifaransa bitagaragara neza izabisimbuza.
Michel na Lynda Thibodeau bo mu ntara ya Ontario mu burasirazuba bwo hagati bwa Canada, batanze ibirego 22 barega iyo ndege mu mwaka wa 2016.
Mu byo bayireze, bavuze ko ijambo "lift" (kwega) ryari ryanditse mu Cyongereza ku ndumane z'imikandara y'umutekano ariko nta Gifaransa cyaryo gihari, mu gihe ibisobanuro mu Gifaransa by'amagambo nka "exit" (gusohoka) byari mu nyuguti nto.
Banavuga ko amatangazo yo mu Cyongereza agezwa ku bagenzi iyo binjira mu ndege ubwo bari muri urwo rugendo rwerekezaga mu mujyi wa Montréal yari asobanutse cyane kurusha ari mu rurimi rw'Igifaransa.
Nkuko bikubiye mu nyandiko-mvugo y'urubanza, bagize bati: "Air Canada ihonyora ibigambiriye uburenganzira bw'ururimi bw'abavuga Igifaransa".
Mu mwanzuro we, umucamanza wo mu murwa mukuru Ottawa yemeye ko kompanyi y'indege ya Air Canada "itakurikije inshingano zayo mu by'indimi".
Air Canada irebwa n'itegeko rya Canada rijyanye n'indimi, rigamije ko Icyongereza n'Igifaransa bikoreshwa mu buryo bungana.
Si ubwa mbere Air Canada yinubirwa
Air Canada yari yireguye ivuga ko uwo mugore n'umugabo we bakabya mu gushaka ko iryo tegeko rikurikizwa inyuguti ku yindi, nkuko bikubiye mu nyandiko z'urukiko.
Mu kiganiro n'igitangazamakuru CBC cya Canada, Bwana Thibodeau yavuze ko anyuzwe n'icyemezo cy'urukiko, ariko avuga ko yizeye kubona mu gihe kiri imbere ibimenyetso byo muri Air Canada byavuguruwe.
Yabwiye CBC ati: "Ibimenyetso bigomba kungana mu bwiza".
"Nizeye ko mu mezi macye ari imbere, tuzashobora kugenda mu ndege iyo ari yo yose ya Air Canada, kandi kera kabaye noneho ibimenyetso bizaba biri mu ndimi ebyiri zemewe mu gihugu".
Si ubwa mbere abashakanye barega kompanyi y'indege muri Canada bayishinja guhonyora uburenganzira bwabo mu by'indimi.
Mu mwaka wa 2014, urukiko rw'ikirenga rwa Canada rwanzuye ko rutaburanisha Air Canada kubera ikinyobwa cyatanzwe byo kwibeshya atari cyo umugenzi yari yasabye mu rugendo rwo hanze ya Canada, ko bagomba kwemera imbabazi Air Canada yabasabye, nkuko bitangazwa n'ikinyamakuru the Toronto Star cyo muri Canada.










